Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isirayeli : Reta yahagaritse umugambi wo kwirukana impunzi z’abanyafrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Isirayeli : Reta yahagaritse umugambi wo kwirukana impunzi z’abanyafrika

Isirayeli : Reta yahagaritse umugambi wo kwirukana impunzi z’abanyafrika

mardi 3 avril 2018

Amakuru dukesha urubuga ngurukanabumenyi rw’iradiyo y’abongereza BBC , amenyesha ko ibiro vy’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Isirayeli, Benjamin Netanyahu, vyatangaje ko, ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR rizopfundika amasezerano n’ibihugu vya Burayakugira vyakire impunzi 16000, mu gihe ico gihugu naco cemeye guha ivyangombwa impunzi zizoba zisigaye.

Umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu amenyesha ko ivyo bihugu bizoca vyakira izo mpunzi bigizwe na Canada, Ubutariyano hamwe n’Ubudagi, nubwo ivyo bihugu bitaremeza ku mugaragaro ibiri muri uwo mugambi.

Impunzi zishika 16000 nizo zizoca zizoronswa uburenganzira bw’ikiringo kidahera bwo kuba muri ico gihugu ca Isirayeli, inyuma yuko Sentare Ntahinyuzwa y’ico gihugu ihagarikiye ingingo yo kuzitahukana yategerezwa gutangura ku munsi w’Imana uza.

Vyari vyavuzwe ko, impunzi zishobora kujanwa mu bihugu vy’Ubuganda n’Urwanda, ariko, vyiyamirijwe n’abajejwe kwubahiriza agateka ka nina muntu muri Isirayeli, bituma haduka imyiyerekano.


NDAYISHIMIYE Oscar

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.