Accueil > Amakuru > Mu makungu > Isirayeri : Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirugurura ubuserukizi i (...)
Isirayeri : Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirugurura ubuserukizi i Yerusaremu
lundi 14 mai 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abategetsi bo mu nzego zo hejuru muri Amerika baza kuba bari muri ivyo birori vy’uyu munsi, harimwo umukobwa w ‘umukuru w’igihugu Donald Trump Ivanka hamwe n’umugabo wiwe Kushner.
Ayo makuru nyene, amenyesha ko benshi mu bategetsi b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya bataza kwitaba ivyo birori, vyo kwinjira ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika i Yerusaremu.
Ingingo ya Trump yo kwimura ibiro nserukiragihugu vya Amerika abivana i Tel Aviv yarashavuje abanye Palestina bavuga ko akarere ka Yerusaremu yo mu buseruko ari wo murwa mukuru wabo.
Isirayeri yigaruriye ako karere ko mu buseruko bwa Yerusaremu mu mwaka w’1967 mu ntambara yo mu burasirazuba bwo hagati, ikaba ivuga ko ico gisagara ari icayo kandi kitagabanije.
MUGISHA Van Naris
Messages
15 mai 2018, 21:13, par Erenets Nduwimana
nukuri ivyo utiliseraient yavuze nukur maze nubuhanuzi bukomeye bwerekana koyegiye kuza umugen ahari naryohegw nanj ndabishigikiy guko nisezerano imana ishikije mumisiyacu zmadini atazi
15 mai 2018, 21:26, par erenets nduwimana
ukonukur Israë l nugwamukur wa Jérusalem kandi kubiteze ivyasezeranywe mwihangane turatashe iwacu kuko ivyobikomeye cane