Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Israel:Hatunganijwe imyiyerekano yiyamiriza umugambi w’abimukira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Israel:Hatunganijwe imyiyerekano yiyamiriza umugambi w’abimukira

Israel:Hatunganijwe imyiyerekano yiyamiriza umugambi w’abimukira

mercredi 7 février 2018

Amakuru dukesha iradiyo BBC, amenyesha ko abari mu myiyerekano bari bitwaje ivyandiko bivuga ko babangamiwe no kwirukanwa muri ico gihugu kubera urukoba rwabo.

Abo bari mu myiyerekano bamenyesha ko, abimukira bava ku umugabane wa Afrika batakirwa neza bishimishije ugereranije n’abava ku mugabane wa Buraya.

Abiyerekana basavye umukuru w’igihugu c’Urwanda akaba n’umukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika (Union Africaine) kudashigikira umugambi w’igihugu ca Israel ujanye no kwirukana abimukira bashika ibihumbi 38, benshi muribo bakaba bavamu bihugu vya Erythree na Sudani y’epfo.

Mu ntango z’umwaka,Reta y’igihugu ca Israel yatanze amakete ku bihumbi vy’abimukira bakomoka ku mugane wa Afrika babategeka kuva muri ico gihugu canke gupfungwa.

Bitegekanijwe ko umwimukira yahawe ikete azoba atarava muri ico gihugu gushika mu ntango z’ukwezi kwa Ndamukiza, azoca apfungwa.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • Impunzi imwe yamuka muri Erythrée yavuze ko hako bomujana mu Rwanda yopfuma aba muri gereza imyaka yose asigaje kubaho. Kagame nkeka yumva neza ingene igihugu ciwe cemewe mu mahanga !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.