Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Israel:’’ Ijambo rya John Kerry ni ingendo igayitse’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Israel:’’ Ijambo rya John Kerry ni ingendo igayitse’’

Israel:’’ Ijambo rya John Kerry ni ingendo igayitse’’

jeudi 29 Kigarama 2016

Umunyamabanga wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika John Kerry amenyesha ko nimba Isirayeri ishaka kubaho mu mahoro itegerezwa kwemera ko igihugu ca Palestina ari igihugu cigenga kandi gitegerezwa kubana na Isirayeri mu mahoro.

John Kerry yabishikirije kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 Kigarama 2016, mu gihe yashikiriza ijambo yerekana aho Reta Zunze Ubumwe za Amerika zihagaze ku cokorwa kugira amahoro agaruke mu karere k’Ubuseruko bwo hagati,Isirayeri na Palestina bikabana mu mahoro.

Naho biri ukwo,umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika aheruka gutorwa Donald Trump , ahumuriza igihugu ca Isirayeri ko hasigaye iminsi iminsi mike ibintu bigahinduka, aho ni mu giohe mu ntango z’umwaka uza wa 2017, azoba ashitse ku butegetsi asubiriye umukuru w’igihugu Barack Obama.

Abicishije ku muhora wa Twitter,Donald Trump yavuze yasavye Isirayeri kwihangana no gukomera kuko kw’igenekerezo rya 20 y’ukwezi kwa mbere yegereje aho ubutegetsi buzohinduka mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abicishije kw’iradiyo y’igisirikare ca Isirayeli, umushikiranganji w’umutekano wa Isirayeri Gilad Erdan, yavuze ko ijambo ryashikirijwe na John Kerry ari ingendo igayitse.


igihe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.