Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Israel yinjiye mw’ishirahamwe rya OTAN - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Israel yinjiye mw’ishirahamwe rya OTAN

Israel yinjiye mw’ishirahamwe rya OTAN

mardi 20 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Igihugu ca Israel kimenyesha ko cuguruye icicaro ku biro bikuru vy’Ishirahamwe OTAN, mu Bubirigi, mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire n’ayandi makungu.

Uwuserukira Israel mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya, Aharon Leshno-Yaar, amenyesha ko yashikirije urwandiko rumugena ku munyamabanga mukuru w’Ishirahamwe OTAN, Jens Stoltenberg, kuri uwu wa gatanu.

VOA ivuga ko abo bategetsi baganiriye kandi ku bijanye n’urutonde rushasha rw’iyo migenderanire. Stoltenberg amenyesha ko ashima uburyo Israel yakoranye n’ishirahamwe OTAN muri iyi myaka iheze.

Leshno-Yaar, agiye guserukira Isirayeli muri OTAN, amenyesha ko kwugurura ibiro ku cicaro c’iryo shirahamwe bigaragaza uruhara Israel ifise mu gukomeza amahoro muri ako karere.

Mu kwezi kwa 6, Stoltenberg, umunyamabanga mukuru wa OTAN, yari yatangaje ko ari ivyingirakamaro gukomeza imigenderanire, narirya haheze imyaka ishika kuri 20 bakorana na Israel.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.