Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isukari yadugijwe igiciro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Isukari yadugijwe igiciro

Isukari yadugijwe igiciro

mardi 3 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’umunsi umwe gusa ibinyobwa vya BRARUDI bidugijwe ibiciro, n’isukari yadugijwe, ikiro gikurwa ku mafaranga 1900 y’amarundi, gishirwa ku mafaranga 2200 y’amarundi, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji.

Muri ubwo bushikiranganji bamenyesha ko isukari idugijwe igiciro kubera n’ibikoresho bikenerwa mu guhingura iyo sukari vyaduze igiciro.

Iryo duzwa ry’igiciro c’isukari ribaye mu gihe hari haheze umunsi umwe gusa ishirahamwe BRARUDi rihingura ibinyobwa rimenyesheje ko ryadugije ibiciro vya bimwe mu binyobwa rihingura.

Ikinyobwa ca Amstel cavuye ku mafaranga 1700 gishirwa ku 1800. Primus yavuye ku 1300 ishirwa ku 1400, nayo Amstel Royal ikurwa ku 1800 ishirwa ku 2000. Amstel Bock yavuye ku 1100 ishirwa ku 1200, nayo Amstel ntoya (50Cl) iva ku 1300 ija ku 1400.
Ikinyobwa NYONGERA cakuwe ku 900 gishirwa ku 1200.

Tubibutse ko inama nshingamateka y’Uburundi iheruka kwemeza integuro y’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2017, aho mukamenya ko ibice bigera kuri 70,7 vy’ayo mafaranga bizova mu makori y’abanyagihugu bo mu Burundi, nk’uko iyo nteguro y’iryo tegeko ibitegekanya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.