Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isuku ni rike iruhande y’amashure ya reta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Isuku ni rike iruhande y’amashure ya reta

Isuku ni rike iruhande y’amashure ya reta

jeudi 22 Munyonyo 2012

Ku mashure atari make ya reta isuku si ikirenga, ivyatsi bihakwa kurengera inyubakwa. Ariko hari aho abayobozi b’amashure bamaze kubona ko ata suki ata buzima.

Ntawokwirengagiza ko isuku rifise uruhara rukomeye ku magara y’abantu. Nico gituma umuntu wese yarakwiye kuryitwararika na cane cane ahahurira abantu benshi.
Ku mashure amwe amwe isuku ntihagira namba. akarorero ni kko kuri iri shure.

JPEG - 60.3 ko

Aharaba kw ‘ibarabara harasukuye ariko ku rundi ruhande nta suku rihari. Hari imirima y’ibijumbu n’imboga, ahandi naho hari ivyatsi vyinshi kandi birebire. Umuntu akaba yokwibaza igituma ivyo vyatsi ubuyobozi bw’ishure butabikuraho.

Iruhande y’ivyo vyatsi, utuzu twa sugwumwe ntitumeze neza, twaruzuye, ntidufutse kandi ntikibuza ko hirya no hino abanyeshure bahakinira naho akanuko kava muri utwo tuzu twa sugwumwe ari kabi. Ingwara ziva kw’isuku rike ntizisiba gufata abanyeshure.
Umuntu ahita yabonye iyo micafu, yaganiriye na bagenzi bacu b’ikimenyeshamakuru RENOUVEAU nawe nyene aratangazwa no kubona kw’ishure hashobora kuba isuku rike.
Uwo muntu atera akamo ubuyobozi bw’iryo shure kwikubita agashi bukagira isuku, kugira bukingira abanyeshure bahiga. Atanga akarorero ko abigisha bashobora gusaba abanyeshure bakagira isuku mu mwanya wagenewe icirwa c’ibikorwa bita TPA canke ubuyobozi bugategura ibikorwa rusangi. ubuyobozi bw’iryo shure buvuga ko bugiye kfata muminwe ico kibazo c’isuku rike ariko ntibwashimye ko iryo shure rivugwa izina.


Lucie N.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.