Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Itoni 5000 vy’isukari zivuye hanze zigiye kwinjizwa mu gihugu
Itoni 5000 vy’isukari zivuye hanze zigiye kwinjizwa mu gihugu
mercredi 11 Nzero 2017
Ubushikiranganji bw’ubudandaji,amahinguriro n’ingenzi burategekanya gutanga uruhusha ku badandaza rwo kwinjiza isukari ivuye mu bihugu vyo hanze, mu ntumbero yo gutuma ikibazo c’ikena ry’isukari gihera.
Nkuko bishikirizwa n’umuyobozi w’ubudandaji muri ubwo bushikiranganji Sébastien Nzimana,abadandaza bazoronka uburenganzira bwo kwinjiza isukari kuva mu kwezi kwa Ruhuhuma gushika mu kwezi kwa Rusama ,umwaka wa 2017.
Sébastien Nzimana amenyesha ko muri ico gihe abadandaza bazoba bafise uburenganzira bwo kwinjiza isukari ivuye hanze,hazokwinjira itoni 5000,mu ntumbero yo gutuma ihinguriro SOSUMO ribandanya rikora neza.
Umuyobozi w’ubudandaji mu bushikiranganji bw’ubudandaji,amahinguriro n’ingenzi avuga ko hari ibisabwa kugira umudandaza aronke ubwo burenganzira ivyo navyo ni igitabo c’umudandaza,inimero ndanga mutozwakori,uburenganzira bwo kwinjiza ibidandazwa ,akaba afise kandi ubushobozi bwo kwinjiza n’imiburiburi amatoni 5000.
Sébastien Nzimana arangiza vuga ko mu gihe ico kiringo c’amezi abiri cohera hakiri ikena ry’isukari,ubushikiranganji buzomenya izindi ngingo bufata.
IGIHE