IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > "Ivyahora bituma umwaka w’ishure uteba biriko biratorerwa umuti.’’- (...)

"Ivyahora bituma umwaka w’ishure uteba biriko biratorerwa umuti.’’- BANYANKIMBONA

jeudi 1er mars 2018

Mu birori vyo kwugurura umwaka w’inyigisho za kaminuza 2016 ushira uwa 2017, ibirori vyabereye mu ntara ya Gitega kur’uyu wa kane igenekerezo rya 01 Ntwarante 2018, Gaspard BANYANKIMBONA yavuze ko umwaka wa kaminuza wikwega, ariko ko ivyabituma bisa n’ivyatorewe umuti.

Gaspard BANYANKIMBONA, yamenyesheje ko, icatuma umwaka w’inyigisho uba muremure vyava ku mayegereyegere y’abanyeshure y’urutavanako, ndetse n’ikena ry’abigisha bakenewe mu bisata bitandukanye vya kaminuza y’uburundi.

Mu gutorera umuti izo yegereyegere, Gaspard BANYANKIMBONA, umuyobozi wa kaminuza y’uburundi, avuga ko hatowe umurwi wabanyeshure ujejwe gukurikirana ibibera muri kaminuza na cane cane mu banyeshure,iyo hari ikitagenda neza, uwo murwi ugaca ubishikiriza vyihuse mu buyobozi bwa kaminuza bikabona gutorerwa umuti vyihuse amazi atararenga inkombe.

JPEG - 121.9 ko
Ibirori vy’ugutanguza umwaka w’ishure mushasha vyatewe iteka ka Joseph BUTORE, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Ku kibazo cerekeye ikena ry’abigisha mu bisata bitandukanye vyo muri kaminuza y’uburundi, uwo muyobozi arishimira igitigiri c’abigisha bahari, akavuga kandi ko kaminuza arongoye iriko iragerageza gukora ibishoboka kugira abigisha baboneke bose.

Ku ntambwe bagezeko yo gutorera umuti ibibazo vya kaminuza, Gaspard BANYANKIMBONA yamenyesheje ko umwaka w’inyigisho uheze wamaze igihe gito bagereranije n’iyindi myaka.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.