Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ivyavuye mu biganiro biheruka kubera i Arusha ntibibonwa kumwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ivyavuye mu biganiro biheruka kubera i Arusha ntibibonwa kumwe

Ivyavuye mu biganiro biheruka kubera i Arusha ntibibonwa kumwe

lundi 11 décembre 2017

Kubw’umukuru w’umugambwe APDR, Gabriel BANZAWITONDE amenyesha ko ivyo biganiro vyazaniye akamaro gakomeye igihugu c’Uburundi, kuko babonye ko umufasha w’umuhuza Benjamin William Mkapa atahura ibibazo vy’Uburundi kandi avyitayeho,bongera baramenya n’ivyo badahurizako.

Uwo arongoye APDR yavuze ati : “ Ibiganiro vyaragize akamaro kanini,vyatumye tubona ko umufasha w’umuhuza yitwararitse ibibazo vy’igihugu,twongera tumenya ibintu nyamukuru 2 bidutandukanya, nk’ibijanye no kurekure abapfungiwe ivya poritike no guha ubudahangarwa abanyeporitike bahunze igihugu, hamwe no kureka guhana imirwi yitwaje ibiganisho.

JPEG - 110.6 ko
Gabriel BANZAWITONDE, arongoye umugambwe APDR

Ikindi Gabriel BANZAWITONDE ashima n’impanuro bahawe n’umufasha w’umuhuza aho yababwiye ko bakwiye kubandanya igikorwa co kubumbatira amahoro n’umutekano ,kuja inama n’ingingo y’ivyo bahurizako, no kubandanya baganira kuvyo badahurizako.

’’Vyari kuba vyiza bahanganye amaso mu yandi.’’-Emmanuel NENGO

Kubwa Emmanuel NENGO arongoye ishirahamwe ryishinze guteza imbere abatwa UNIPROBA, nta karusho kavuye mu vyaganiriwe I Arusha , kuko ata kuvugana amaso mu yandi hagati y’imirwi itandukanye vyabaye.

JPEG - 62.1 ko
Emmanuel NENGO, arongoye Ishirahamwe ryishinze guteza imbere abatwa

Emmanuel NENGO yavuze ati : “ Nta kuvugana amaso mu yandi vyabaye,Reta yagumye ishikiriza ivyo yahora ivuga ir’aha i Bujumbura, ndetse n’uruhande rw’amashirahamwe yagumye ashikiriza ivyo yahora avuga.”

Uwo aserukira UNIPROBA avuga ko vyari kuba vyiza imirwi itandukanye ivuganye amaso mu yandi kugira ico bavuganye bacumvikanyeko ntibazokigarukeko mu kindi gihe.

Tubibutseko ibiganiro vyatanguye kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo 2017 bisozerwa igenekerezo rya 8 Kigarama 2017, abitavye ataco bashitseko kuko hari ibitari bike impande zitavye ivyo biganiro zitahurijeko.

Umufasha w’umuhuza Benjamin William Mkapa akaba yashikirije abari muri ivyo biganiro ko ivyo batahurijeko azobishikiriza umuhuza Yoweri KAGUTA Museveni, umukuru w’igihugu ca Uganda, yongere abishikirize abakuru b’ibihugu bagize umuryango wa Afirika y’ubuseruko, mu nama yabo yimirije kuba.

Bimwe mu bitahurijweko n’abitavye ivyo biganiro harimwo irekurwa ry’abapfungiwe ivya poritike, gukura imitahe ku banyeporitike baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi, ukutumvikana kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro, hamwe n’umutekano w’abanyeporitike bohunguka bavuye hanze y’Uburundi.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.