Accueil > Amakuru > u Burundi > Ivyegera vy’umukuru w’igihugu vyashize umukono kw’itegeko rigenga impamba (...)
Ivyegera vy’umukuru w’igihugu vyashize umukono kw’itegeko rigenga impamba ihabwa abakozi ba Reta
vendredi 27 avril 2018
Nk’uko biri muri iryo tegeko ryateweko umukono kuwa mbere igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2018, uwusaba uruppuro rumuha uburenganzira bwo kuja gukorera hagati mu gihugu canke hanze y’igihugu, ategerezwa kwerekana ingene urwo rugendo ruteguwe, ico rumariye igihugu, aho bihuriye n’ivyo reta yihaye gushikako, ico barwitezemwo ku gihugu.
Muri iryo tegeko, ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu bisigura kandi uko amafaranga ahabwa umukozi wa Reta agiye mu gihugu hagati, canke hanze y’igihugu bivanye n’ikibanza afise mu bushikiranganji.
Iryo tegeko rivuga ko, umuntu afise ikibanza nk’ico umushikiranganji, agiye mu rugendo rw’akazi hanze y’igihugu, ahabwa amadorare 350 kw’ijoro rimwe, abayobozi bakuru n’abandi bafise ibibanza nk’ivyo abayobozi bahabwa amadorare 300 kw’ijoro rimwe, mu gihe abandi bakozi bahabwa amadorare 200.
Ku bagiye mu rugendo rw’akazi hagati mu gihugu, uwufise ikibazna c’umushikiranganji ahabwa amafaranga ibihumbi 50 vy’amarundi kw’ijoro rimwe, umuyobozi 36000 vy’amarundi, uwukorera mu buyobozi ahabwa 30000 vy’amarundi, mu gihe umukozi asanzwe ahabwa 20000 vy’amarundi.
Iryo tegeko ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, rimenyesha ko mu gihe umukozi wa Reta agiye mu rugenda atararayo, ahabwa ibice 40 kw’ijana vyayo yohawe mu gihe arayeyo.
MUGISHA Van Naris
Messages
27 avril 2018, 13:14, par Busurahende
Hariho umurwi iryo tegeko ritatomoye impamba uronka. Bizoguma ari ikinyegezwa gushika muri 2034. Uca mu kirere, uca mu kuzimu canke mu mazi vyose ni uko, kizoguma ari ikinyegezwa. Nico gituma amategeko atanumwe ayubarihiriza muri kino gihugu.
28 avril 2018, 09:39, par CND
*Busurahende ko utavuze uwo murwi uwariwo.