Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ivyigwa vyahagaze muri Kaminuza y’Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ivyigwa vyahagaze muri Kaminuza y’Uburundi

Ivyigwa vyahagaze muri Kaminuza y’Uburundi

jeudi 30 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bahagaritse ivyigwa kuva kuri uwu wa kabiri, bakaba basaba ko bagenzi babo babibiri bapfungiwe mw’igendereza borekurwa.

Kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 30 Ntwarante 2017, ivyigwa ntivyatanzwe mu bigo vyose vya Kaminuza y’Uburundi, abitavye imirimo akaba ari abanyeshure bo mu mwaka wa gatatu gusa bari bafise ikibazo (Examen).

Iyo ngingo y’uguhagarika ivyigwa kandi ikiringo bari batanze kitari bwahere yafashwe inyuma y’aho babiri mu baserukira abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi yafatiwe bakajanwa gupfungirwa mw’igendereza.

Abbo banyeshure babiri bari mu baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi bapfungiwe mw’igendereza i Bujumbura ni Dushime Elyse yafashwe ku munsi wa kabiri, mu gihe NKUNZIMANA Audace yafashwe kuri uwu wa gatatu.

OP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko abo banyeshure babiri bariko bakorwako amatohoza, bakagirizwa ko bari mu bariko bashaka gutera akajagari mu bigo vya Kaminuza y’Uburundi.

Abo bafashwe bari mu baheruka kwandikira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bamusaba ko yofuta ingingo iheruka gufatwa, itunganya gushasha ingene bazohora bahabwa agafashanyo (Bourse). Abo banyeshure babwiye umukuru w’igihugu ko atagikozwe gushika kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza, biteguriye guhagarika ivyigwa


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.