Accueil > Amakuru > Amashuri > Ivyigwa vyahagaze muri Kaminuza y’Uburundi
Ivyigwa vyahagaze muri Kaminuza y’Uburundi
jeudi 30 Ntwarante 2017, par
Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bahagaritse ivyigwa kuva kuri uwu wa kabiri, bakaba basaba ko bagenzi babo babibiri bapfungiwe mw’igendereza borekurwa.
Kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 30 Ntwarante 2017, ivyigwa ntivyatanzwe mu bigo vyose vya Kaminuza y’Uburundi, abitavye imirimo akaba ari abanyeshure bo mu mwaka wa gatatu gusa bari bafise ikibazo (Examen).
Iyo ngingo y’uguhagarika ivyigwa kandi ikiringo bari batanze kitari bwahere yafashwe inyuma y’aho babiri mu baserukira abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi yafatiwe bakajanwa gupfungirwa mw’igendereza.
Abbo banyeshure babiri bari mu baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi bapfungiwe mw’igendereza i Bujumbura ni Dushime Elyse yafashwe ku munsi wa kabiri, mu gihe NKUNZIMANA Audace yafashwe kuri uwu wa gatatu.
OP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko abo banyeshure babiri bariko bakorwako amatohoza, bakagirizwa ko bari mu bariko bashaka gutera akajagari mu bigo vya Kaminuza y’Uburundi.
Abo bafashwe bari mu baheruka kwandikira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bamusaba ko yofuta ingingo iheruka gufatwa, itunganya gushasha ingene bazohora bahabwa agafashanyo (Bourse). Abo banyeshure babwiye umukuru w’igihugu ko atagikozwe gushika kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza, biteguriye guhagarika ivyigwa
IGIHE
Messages
31 Ntwarante 2017, 09:47, par copy
Ntabwo umuti ari ukubafunga, ico kiba kibaye igikenye.
1er Ndamukiza 2017, 10:07, par JEACQUE
Uburundi Burater’isoni Pee Abahutu Wapi Kabisa
1er Ndamukiza 2017, 14:06, par fabrice vyizigiro
nibarekugwe bige mugabo bakaba bafise ikosa bahanwe?
3 Ndamukiza 2017, 14:18, par MPAWENAYO THERENCE
Nibabe bagira statistique ,barabe abanyeshule boshobora kwiga ata gafashanyo kuko mu burundi ngereranije nka 70% nabataronka ibifungurwa bikwiye barya kumusi kumusi . ndatangara , arya samahera babaha kuko arya bobo bayandikiwe kukurya umusi umwe !!
6 Ndamukiza 2017, 19:51, par Patrick
None Muko Bandikira President Niwe Ajejwe Ikibazo Cindero Kuberiki? Batandikiye Umushikiranganj Windero? Napresident Yaragowe