IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ivyimburwa PAM yari izanye mu Burundi vyasubijwe inyuma

Ivyimburwa PAM yari izanye mu Burundi vyasubijwe inyuma

mardi 25 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Imiduga yo mw’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’imfungurwa kw’isi (PAM : Programme Alimentaire Mondiale) yasubijwe mu Rwanda, aho akaba ari inyuma y’iminsi ine iyo miduga yari imaze izibiriwe mu mu Gasenyi - Nemba, ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, mu ntara ya Kirundo.

Iyo miduga yari izanye ivyimburwa vyaguriwe mu Rwanda n’ishirahamwe mpuzamakungu PAM, bikaba vyari bigenewe guhabwa impunzi z’abanyekongo ziri mu Burundi, hamwe n’ukugaburira Abarundi bahuye n’inzara muri iyi minsi umwimbu utabaye mwiza mu Burundi.

Mw’ishirahamwe mpuzamakungu PAM bamenyesha ko iyo miduga yarimwo amatoni agera ku majana atanu yaguriwe mu Rwanda, kandi ko ritari ribaye irya mbere iryo shirahamwe rigurira muri kimwe mu bihugu bigize akarere k’ibiyaga binini, ibifungurwa bitwarwa mu kindi gihugu.

Abategetsi b’Uburundi ntaco barashikiriza ku catumye izo mfungurwa zankirwa kwinjira ku butaka bw’Uburundi, mw’ishirahamwe PAM naho bakavuga ko baciye bazisubiza inyuma, zishirwe muri bumwe mu bubiko bw’iryo shirahamwe.

Imigenderanire n’ububanyi vy’Uburundi n’Urwanda ntivyifashe neza, n’uguhanahana ibiribwa n’ivyimburwa hagati y’ivyo bihugu vyompi bikaba bitifashe neza, aho ivyo bihugu bisa n’ibitorohereza uruja n’uruza rw’ibidandazwa vyinjira n’ibisohoka.


IGIHE

Messages

  • Emwe Ivyu Burundi Ni Ngorane Gusa! Erega Abategetsi Bahaze Twebwe Abanyagihu Turabikeney Kuko Inzara Iri Mukutwica

  • none. ibiharage nivyo vyaribije gusubizaho imigenderanire nubwunvikane? ndunva hakwiye ibiganiro fast hama ibiharage nubundi buhahirane bikazokurikira hanyuma ariko ibihugu bibiri bibanje kuganira.nkuko ububirigi buriko burabigira.abarundi ndunva badashonje cane inzara yamyeho kuva kera kandi izokwamaho nihose simuburundi nino abanyagihugu bararya imyembe nubugari .kubwinzara rero ndunva kubwanje ugwanda na Pam ntibakoreshe ibiharage mukwunga imigenderanire yasambutse hagati yibihugu bibiri.

  • Mu rwanda barakeneye nabo ibiribya. Mbega ni kuki birinda guca mu Rwanda kandi bazi neza ko atamigenderanire mwiza iriho hagati yivyo bihugu bibiri?
    Murivyo bihugu bibiri ntagihugu kirusha ikindi.
    Nta nico Urwanda rwoshobora gukora k’ Uburundi

  • NIBADUHE TWIRIRE BOBO BAFISE IMIRIMA TWEBWENTAYODUFIS

  • IZONDYA BAZOZISHIRE ABANYARWANDA BAGESEYE WI BAZA KO BADUSUMVYA KURIMA BAVUZE HAGATI YUBURUNDI NA RWANDA NINDE AKENEYE IBIFUNGUGWA ABAZA KWANDIKA MUZE KUMPA INYISHU MUZOBA MUKOZE

  • Nibajane Hariya Urwanda Rufisiki Rwoshora Mubindibihugu? Inzara Iri Murwanda Ikurinzara Gusa Vyapakiriwe Murwanda Ariko Sihovyarimwe. Babonye Kwinjiza Ubumara Biciye Mumashirahamwe Mpuza Makungu Arico Coroshe Hahaaaa! Nihoturi.

  • Abarundi turahatswe! Imana ikomeje gukinga ukuboko mugukingira abarundi.
    Jewe sinzi ico Kagame yahaye amakungu kugezanaho bafatikanya mubugambanyi!
    None ivyobifungurwa ko PAM ifise impuzi zirimu Rwanda nizabarundi zitarizike iyoyafata ivyobifungurwa birihafi yizompunzi zirimurwanda ikabizigaburira hanyuma ibifungurwa bizoza muburundi ikabikura mubindibihugu ntiyarikuba yirinze gufatwa kwikorana na Kagame!?

  • Jew Ico Niyumvira Kuri Iyo Nkuru Nuko Ubutegets Bw Uburundi Bwokwerekana Cank Bukavuga Icatumy Basubiza Ivyo Bifungurwa Inyuma Kugra Natwebw Abarundi Tumenye Ingene Twigenza Imbere Y Abanyarwanda.Mbega Hamwe Amakungu Yose Yofatira Ingingo Uburundi Kudasubira Kubufasha, Ubwo Uburundi N Abarundi N Ababwats Mw Indaro Boshobora Kwitunga?

  • ARIKO ABAHUTU MUKUNDA KURYA MUZARYA N’AKATARIBWA

  • Ibyo biribwa nibabisubize murwanda maze za mujeri ziri i Mahama amabondo abyimbe . ubu ya ntagondwa WAKERA iri kubyinira kurukomo i Mahama ubu noneho igiye kurya nkingurube

  • Werambo Niwigumye Ntaco Uzoba. Ukubaho Kumuswi Ntabwo Arimpuhwe Zagaca. None Turiye Isumu Niho Twoba Dukize Inzara? Raramura Amaso Murabe Imbere.

  • Abarundi nsigaye ndabemera cane,ahubwo nibabigaburire abarundi bimpuzi bari mugwanda,twebwe natwe tuzoyungwa nivyo twirimiye ,ntanzara iteye ubwoba ihari ngaha iwacu,ahubwo hari abamenyereye kurya badahereje amaboko igikogwa nakimwe,nibo baboroga ngo inzara inzara iratwishe,abonabo nijambo ry’imana rirabakurira inkoni kugishitsi ko utarima,udakora,ntakarye.subiza hiyo mugwanda,twebwe muduhe amahoro

  • NIBASHAKEBUGARE KUKOTWARITUBAYEHO TUTARYIVYOMURWANDA AMAZIMASABANONTAMARIMVYIRO

  • Ico Niyumvira Nibabisubizeyo Nabo Nibavyirire Kuko Naho Bobizanye Vyotwaye Abakuru Banyarucari Ntibabanukiriza Izompunzi Nizije Iwabo Ziveho.

  • Iyonfashanyo Ij Ivamurwanda Nibayisubize Murwnda Yoba Irimwo Uburozi Bwokumara Abarundi

  • Iyonfashanyo Ij Ivamurwanda Nibayisubize Murwnda Yoba Irimwo Uburozi Bwokumara Abarundi

  • UWUHITWA NTAFATA UWUDAHWA URWANDA RUFASHWA COKIMWE N’UBURUNDI SINUMVINGENE IBIFASHA ABARUNDI VYOVA MURWANDA NABO BARIKO BARAHWERA KUBWINZARA N’UBUTEGETSI BUBI BWINKOTANYI BWICA BAMWE BUGAKIZA BAKE.HAHAHAAAAAAAA! NIBAVYIRIRE NABO BABISANGIRE NAWAKERA.

  • DD atari ibisizimwe mwishwanj, biragaragara ko DD ifise isoni z’uko inzara itumaze none bahumbiye k’u Rwanda,hahomvye twe abanyagihugu batobato,i puuu muzopfa mwangara nka gahini

  • Turabizi mwebwe mukunda ivyo imungu zishigaje.Pam is on in a fungi kira bimaze imyaka itanu muri stock bizoca kigoma vyingire bivuye tanzaniya kdi byarimbuwe mu rwanda.eregs Pam ikorera kwisi hose WANGU.

  • Iyongingo yafashwe yo kubisubiza inyuma ndayishimye caneee,kuko nivyogaburiwe zambonerakure zirirwa zirayerera ziterekwa isuka.
    Izompunzi nazo zabanyekongo ni bazitumireko wa muceri wo mubushinwa, canke bazimurire mukindi gihugu, zambonerakure ntizizobagandagure nkabigatumba bagandaguwe igi porisi bonigisoda birorera ntahagire nuwo gutabara!.

  • @Fake Mob, Mbe ninde yakubwiye ko ndi mu Rwanda!!!!! Mwarataye umutwe mwebwe abicanyi!!! Ndingaha muri cagisagara mwicisha umunuko, mugaturira amasoko, mukica mugafata abakobwa n’abakenyezi kunguvu ngo bavyare interahamwe!!! Izo mpungurure zinyoni murahumba murazikineye kuko ntiwibagire ko umukuru w’ibiro vy’icahoze citwa igisirikare c’uburundi FDN ( Force de destabilisation Nationale) aherutse gutanga i Gihanga buruguri kumbomerakure kuko iyabashinwa yari yaheze!! God damn DD

  • Bakoze Kubisubiza Inyuma Ivyo Ugemuriwe Bivuye Munzu Y’umukeba Ubishikiza Inyuma Yigikoni Ntiwinziza Munzu Bakoze Kuvyanka

  • jewe ndabishimye ijana kwijana kuko burya ntihabuze ico urwanda rwasize murizirya ntete zibigori barakagogwa nibazirye nabo ahubwo uyo arongoye pam nukumwigako neza komera bana buburundi mwe mutahengeshanya kurinda igihugu nabarundi.

  • Jewe Wakera Ko Muntangatanze Hose Ndemeye Ibatisimu Ahonatukaniy Mfise Amazina Niyita Meshi Imana Imbabarire Agatego Twaritwateze Mwazirya Kamyo Karapfuvye Nohanyuma Niho.

  • Jewe Wakera Ko Muntangatanze Hose Ndemeye Ibatisimu Ahonatukaniy Mfise Amazina Niyita Meshi Imana Imbabarire Agatego Twaritwateze Mwazirya Kamyo Karapfuvye Nohanyuma Niho.

  • Ikibabaje abashonje babikeneye nta nubwo bashoboye kuza kwandika hano ngo bavuge akababaro kabo, handika abahaze gusa! Kwihagararako ukibagira abashonje si vyiza, uyu mwimbu si imfashanyo y’u Rwanda, niya PAM kuko yarabiguze, kandi aho bizova hose ni hahandi vyitwa kugarukira ku banyagihugu b’Uburundi bugarijwe n’inzara! Barundi hari umugani twaciye ngo ’’ Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe’’, reka turindire tuzoraba amaherezo y’iyi politique yacu!

  • ariko aba DD mwarasaze. twe abanyagihugu turicwa n’inzara n’ukuri

  • Nibabigarure sha nubundi ngo UGABURIRA UMWISI BARARWANA

  • IGITUMA BABITANGRIYE@NUKO BO BARARA BAHAZE HAMWE NIMIRYANGO YABO!BAKBAZAKO BOSE BARARA BAHAZEE@ABA DDE TURABAGOREWEKO!

  • Komera WAKERA(meester pig)

  • Ugirango Vyokwiye Ubarundi Bose,nibishake Bisubire Inyuma.Ivyo Vyotanzwe Mumanyanga,abagowe Sibo Bobironse!

  • Noe Bibaz Yuk Inzar Muburund Itarih Barishimsh

  • Ahhh Burundi Wee! Gusubiz Ifashanyo Inyuma Abantu Bariko Bicwa Ninzar!

  • Barundi , Ntimusase Amatwi Ngo Murose Ifungurwa Zivuye Kwakagame ! Uburozi Gusa !

  • Abarundi Bari Yeux Ntashano Rizohabw Uburund Mwik Gih.Kagame Narih Abnyaghug Biw Nabon Barko Barapfa

  • Kuvyukuri urwandarurakwiyekurekivyobifungurwabikinjirakuko nibirumgitswena pam ntabwobobifatakukobarahawe amafrangayavyokand uburund na pam urwandantirwovyitiranya

  • Arik Jew Abarundi Murantwenza Mbe Muzogeza Ryari Kutareba Kure?Il Faut Douter De Tout!! Murwanda Nabo Barashonj Hama Ngo Barons Ivyo Bagurisha Bifasha Uburundi??Urwo Rukundo Rwo Kwiyanka Ugakunda Uwund Rubaho?Mbe Pam Ninyeranda Kuburyo Itokoreshw Mugukora Ibibi?Mbe Mwirengagizak Nizo Mpuzi Ubu Tutazihinyuy Aho Bamw Bagurisha Amatongo Bakaj Kwitw Impunzi Kugir Ngo Bame Baherezwa Amasafuriy Indya Nibind Batabiguz?Imbere Yukwemera Vyose Banza Wiyumvir Ugir Namakenga Kuk Kwikek Sicaha

  • Arik Jew Abarundi Murantwenza Mbe Muzogeza Ryari Kutareba Kure?Il Faut Douter De Tout!! Murwanda Nabo Barashonj Hama Ngo Barons Ivyo Bagurisha Bifasha Uburundi??Urwo Rukundo Rwo Kwiyanka Ugakunda Uwund Rubaho?Mbe Pam Ninyeranda Kuburyo Itokoreshw Mugukora Ibibi?Mbe Mwirengagizak Nizo Mpuzi Ubu Tutazihinyuy Aho Bamw Bagurisha Amatongo Bakaj Kwitw Impunzi Kugir Ngo Bame Baherezwa Amasafuriy Indya Nibind Batabiguz?Imbere Yukwemera Vyose Banza Wiyumvir Ugir Namakenga Kuk Kwikek Sicaha

  • hhhh,ngo mwanze ibiryo bivuye mu Rwanda!!kubera byaciye mu Rwanda!sha umva noneho byarajaguye no mubwonko bwanyu kabisa!abarundi bari kwicwa ninzara none ngo mwanze ibiryo?uzabaze mu Rwanda ibiryo turabifite ntabyo PAM iratugemurira na rimwe iyo tubishaka twari kubikura henshi cyane ko dufite ibihugu byinshuti byinshi ntabwo ari nkamwe mwifungiranye mutagisohoka ariko ntawabarenganya numvise noneho ngo muri mu kiriyo cyo kwibuka genocide yabahutu.hhhhhhhhhhhhhhhhhh!Nkurumbi yagumutse kabisa,reka amatora arangire mu Rwanda sha nkurumbi,Umusaza azakwereka.

  • Ibi biribwa nibabihe abarundi bahungiye hano murwanda iwacu kuko barya kurusha ingurube. Nitwe tuzarota basubiye iwabo.

  • Imbonerakure Nizirambire Nibaziveko Zicariseriye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.