Accueil > Amakuru > Ubutungane > "Iyaba vyokunda igihano c’ugupfa cogarutse" - Gélase Daniel NDABIRABE
"Iyaba vyokunda igihano c’ugupfa cogarutse" - Gélase Daniel NDABIRABE
jeudi 19 avril 2018
Ashikiriza ivyiyumviro vyiwe mu bikorwa vy’inama nshingamateka vyo kwiga no kwemeza integuro y’itegeko rigenga ingene imanza zitohozwa zikongera zikaburanishwa, Gélase Daniel NDABIRABE yavuze ko bitumvikana ingene umuntu yoturira uwundi, canke agatera gerenade mw’isoko hanyuma apfungwe gusa, nk’uko biri muri iryo tegeko.
Gélase Daniel NDABIRABE avuga ko iyaba Uburundi butinjiye mu ntwaro rusangi yubahiriza amategeko mpuzamakungu, abica nabo bohawe igihano co gupfa.
« Iyaba vyashoboka igihano co gupfa cogarutse, kuko ata wurasa ngo acibwe gupfungwa gusa. »
- Umushingamateka Gélase Daniel NDABIRABE
Gélase Daniel NDABIRABE avuga ko uwuturiye umuntu nawe yari akwiye guturirwa.
Tubibutse ko muri Ruhuhuma 2016, umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Emmanuel NTAHOMVUKIYE yabwiye abashingamateka ko kugira ivy’ugutembagaza ubutegetsi biranduranywe n’imizi mu Burundi, Reta itegekanya guhana bikomeye abarenze amategeko ya gisirikare n’ay’igihugu.
Mu bihano bikomeye yamenyesheje ko vyohabwa abashatse gutembagaza ubutegetsi, Emmanuel NTAHOMVUKIYE, mu gihe yari mu nama nshingamateka, yabwiye abashingamateka ko harimwo igihano c’ugupfa.
« Mbere hari n’umurwi uriko uriga neza ingene igihano c’ugupfa naho cakuweho mw’ibwirizwa mpanavyaha cosubizwaho ku bantu bakirota gutembagaza ubutegetsi abenegihugu bishiriyeho. »
- Emmanuel NTAHOMVUKIYE, umushikiranganji w’ukwivuna abansi
Ku rutonde rw’abantu bazohanishwa igihano c’ugupfa, umushikiranganji w’ukwivuna abansi yashizemwo n’abazokwagirizwa icaha c’ukwica indongozi, akaba yatanze akarorero k’abagandaguye Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA nabo bakwiye guhanishwa icaha c’ugupfa.
Imyaka icenda niyo iheze Uburundi buteye umukono ku masezerano akuraho igihano c’ugupfa. Igihano kiri hejuru y’ibindi mu gitabu mpanavyaha c’Uburundi ni umunyororo w’ubuzima bwose.
MUGISHA Van Naris
Messages
19 avril 2018, 10:57, par njeri nikuze
bavuge make kuko nabo ubwabo nabicanyi iyaba É“iravye ntibovuga uko nuko aribo bica bagakiza ariko buzoca abarundi batabarwe
19 avril 2018, 13:29, par Busurahende
Ivy’Iburundi biragoye. Abaremajwe / banyuranye kubera ivyaha bakoze nibo bacira imanza abandi zo gupfa. Nta rukiza igihugu kibazeyeko.
19 avril 2018, 16:33, par Namahinyu
@njeri nikuze
Wewe urinda kuba uri umwicanyi karuhariwe.
Abipfuza igihano c’ugupfa bibagira ko gishobora kubaherako ! Erega umuntu barashobora kumutereka inteba ishushe !
19 avril 2018, 20:51, par lg
UBWICANYI BWO MURABUZI. ABO MUVUGA KO BAGOMBA KWICWA BAMWE BARARENGANA NDETSE BENSHI MWARABISHE AYO NAMARASO, YABO ABAVUGISHA. ALIKO NIHAHANDI NAMWE MUZAPFA.NDETSE NABI *
20 avril 2018, 03:35, par Hope
Ahubwo Abo Babivuga Nibo Bari Bakwiy Gupfa Kuk Nibo Bicanyi Ba Mber Baguma Bahekura Abarundi
24 avril 2018, 16:30, par Oya
muribuka ko na nkurunziza petero yari yaciriwe urwogupfa