Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Amasasu yumvikanye mu myiyerekano yatanguye kuri uwu wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Amasasu yumvikanye mu myiyerekano yatanguye kuri uwu wa (...)

RDC : Amasasu yumvikanye mu myiyerekano yatanguye kuri uwu wa kabiri

mardi 20 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Amasasu yumvikanye mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Kinshasa, aho akaba ari mu gihe hatanguye iyindi myiyerekano mu mabarabara, y’ukwiyamiriza umukuru w’igihugu Joseph Kabila yaraye ahejeje ikiringo ciwe.

Joseph Kabila amaze imyaka 15 ku butegetsi, ikiringo ciwe ca nyuma kikaba caheranye n’umunsi w’ejo kuwa mbere igenekerezo rya 19 Kigarama, ariko bikaboneka ko azoguma ku butegetsi naho atavyemererwa n’ibwirizwa shingiro.

Ubwoba bwari bwinshi mu gisagara ca Kinshasa kuri uwu wa mbere, aho amaduka yiriwe yugaye, mu gisagara haboneka abasirikare n’abaporisi batembera ku bwinshi bagavye, kuko bikanga ko umwanya uwariwo wose hashobora gutangura imyiyerekano y’ukwiyamiriza umukuru w’igihugu Joseph KABILA. Imihora ngurukanabumenyi (Facebook, Twitter, WhatsApp) yarugawe kuva kuri uwu w’Imana, ihiganwa ry’umupira w’amaguru rirahagarara, mbere igiporisi kimenyesha ko kitazokwihanganira umurwi w’abantu barenga cumi bazoba bakoraniye hamwe.

Izo ngingo zose ntizabujije ko imyiyerekano itangura kuri uwu wa kabiri, mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Kinshasa hamwe n’ahandi nka mu gace ka Kalamu, Matete hamwe na Lingwala.

Umushingamateka wo mu mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi, Franck Diongo, yatawe muri yompi akekwako guteza imvururu mu gisagara ca Kinshasa.

Abanyeshuri bo muri Kaminuza ya Kinshasa bahanganye n’abasirikare, ndetse n’abaporisi, bavuza amafyirimbi, bongera baturira amapine.

Mu gisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU citaho agateka ka zina muntu muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bamenyesheje ko abantu bagera kuri 28 batawe muri yompi mu gisagara ca Kinshasa, mu gihe abandi 46 bafatiwe mu gisagara ca Goma na Bukavu bari mu myiyerekano.

Joseph Kabila yabaye umukuru w’igihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo kuva se, Laurent Kabila, yishwe mu mwaka w’2001. Yatowe mu 2006, ndetse no mu2011, ariko ico gihe abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko yivye amajwi.

Abakurikiranira hafi ibibera muri ico gihugu bamenyesha ko mu gihe Joseph Kabila yoguma ku butegetsi, hashobora kwongera kwaduka intambara nk’iyabaye hagati y’umwaka w’1996 n’umwaka w’2003, igahitana ubuzima bw’abantu baharurwa mu miriyoni zitatu.


IGIHE

Messages

  • Mbega Ubutegetsi Bubi Abana Ba Congo Imana Ibarinde

  • Izontagondwa ngo naba perezinda ubwo bumva kabisa bakwije? umuntu atwaye igihugu imyaka 15 ubwo abasigaye abuziki?, gutwara ntabasuvya abandi none bivuniriki?, iconabonye ivyo bitumwa nagakengere kogukegerana ngo ntabandi boshobora gutwara atariwe, nawe arinkabandi atacabasumbije. Nukuri uwaroze Nkurunziza Petero, niwe yaroze kabira. Ati kuki? umutima wa Nkurunziza wokudakunda abanyagihugu,niwo wa Kabira Joseph, narindire agiye gupfa nkuko se wiwe yapfuye, kandi se ya rafise ingabo nkizo afise unomusi ariko nticabujije kobamumanura murizone gataka, Nawe arindire.

  • Mana Tabara Abaperesident Bagomba Kugumabatwara Ntibahabandi Kwikundagusa Nkurunziza Wakabira Mana Batabare

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.