Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jacob ZUMA yasabiwe ko yokurwako icizere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Jacob ZUMA yasabiwe ko yokurwako icizere

Jacob ZUMA yasabiwe ko yokurwako icizere

vendredi 11 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama nshingamateka ya Afrika y’epfo itegekanya kwishweza ko yokura icizere ku mukuru w’igihugu Jacob Zuma, aho akaba ari mu gihe akamo kamusaba gutanga imihoho kagenda kongerekana.

Icegeranyo giheruka gusohoka kuri uwo mukuru w’igihugu kimwagiriza kurya ruswa hamwe n’ukwigenza nabi mu mabanga ajejwe. BBC ivuga ko bubaye ubugira gatatu mu kiringo kidashika umwaka hasabwa ko umukuru w’igihugu Zuma akurwako icizere.

Amatohoza y’urwego rw’igihugu rujejwe kurwanya igiturire asaba ko ubucamanza bukora ayandi matohoza ku bundi bugizi bwa nabi bwaranzwe na Reta ya Zuma.

JPEG - 48.3 ko
Jacob ZUMA yasabiwe ko yokurwako icizere

Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta ya Jacob ZUMA usaba ko yokurwako icizere, kuko ashaka kunigira mu menshi intwaro rusangi itari bwashike kure. Jacob ZUMA akaba yagirizwa igiturire, ugokoresha nabi itunga ry’igihugu, hamwe n’ububeshi. Abo batavuga rumwe nawe bakavuga ko ivyo bidakwiye kubandanya ukwo, kuko bidateza imbere igihugu.

Tubibutse ko umukuru w’igihugu Jacob ZUMA asanzwe akekwako ivyaha vy’ukurya ibiturire aheruka kumenyesha ko adaterwa ubwoba bw’ugupfungwa, kuko nk’uko yabishikirije, yamaze imyaka 10 mw’ibohero, mu gihe yarwanya poritike y’ivanguramoko muri Afrika y’epfo.


IGIHE

Messages

  • Ivyo birakwiye kubera akarorero nkurunziza nakarwi barikumwe aho badasonera ubwigenge bwogushikiriza iciyumviro aho iyo bababo baba bamariye abantu mumigozi abandi babica hanyuma peter arakwiye kuhakura icirwa akareka kuza arahendwa Na zuma Ngo niyice abanyagihugu biwe mugihe nawe iwiwe atovyubahuka jewe nagira sabe peter aterefone zuma amubaze ati none weho bite kutariko urabarasa ,ikindi nuko we nakarwi ka mukikije bakwiye kuhakura icirwa co kumenya gusonera amategeko yigihugu nivyo igihugu gitunze kuko ivyigihugu nivyigihugu

  • ivyoba vyiza hamwe icaha comwagira nuko yokurikiranywa hama akanabera akarorer’abandi kuko ntanumw’ari hejuru y’amategeko.

  • Abatavuga.Rumwenawe Ukonukumutoteza Kuko Ururimigwumwe Rukamwayera.

  • Zuma Nibamureke Atwara Neza

  • Akabasazwe aryigiturire nashengezwe mubutungane aya subize.Nahano iwacu igiturire niho catsindaro birenze urungero, kuko ntamutegetsi wogenduronse ashobora kugutuganiriza utamufumbatishije numuziro ngaha, abaribasazwe bitwa ngo nabacamanza nibo bambere mukurya igiturire, biragoye ukuntu boshobora kuzotumako Nkurunziza petero rwabazwe kubijananye ya ndege yaheze mukirere nubu, nayandi mabi meshi yakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.