Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Jacob ZUMA yasubiriye gusabwa ko yotanga imihoho
Jacob ZUMA yasubiriye gusabwa ko yotanga imihoho
mardi 29 Munyonyo 2016, par
Abashikiranganji batatu ba Reta ya Afrika y’Epfo bo mu mugambwe ANC uri ku butegetsi basavye umukuru w’igihugu Jacob Zuma gutanga imihoho, inyuma y’aho amaze imisi yagirizwa ivyaha bitari bike.
Ibinyamakuru vyo muri Afrika y’Epfo, bitangaza ko abashikiranganji bagizwe n’uw’ingenzi, Derek Hanekom, uw’amagara y’abantu Aaron Motsoaledi, hamwe nuw’ibikorwa vya Reta Thulas Nxesi bamusavye gutanga imihoho inyuma y’inama y’umugambwe ANC yabaye mu mpera z’iyi ndwi.
Umushakashatsi w’umunyafrika y’Epfo muvya poritike, Ranjeni Munusamy, yatangaje ko Zuma ariko arwanira ubuzima bwiwe muvya poritike.
Ugutanga imihoho kwiwe gushobora kutoroha nk’uko bamwe babivuga. Zuma aracafise abanywanyi batari bake bamushigikiye mu mugambwe wiwe ANC na bamwe mu bashingwamanza biwe.
Mu ntango z’uku kwezi kwa cumi na kumwe, yararusimvye aho abashingamateka bo mu mugabwe utavugarumwe na Reta Democratic Alliance bari batanze integuro y’itegeko yari itumbereye kumukurako amaboko, aho bavuga ko abangamiye umutekano mu gihugu.
Zuma yagirijwe akatari gake ko yakoresheje amafaranga ya Reta ashika imiriyoni 20 z’amadorari mu gusanura inyubakwa yiwe bwite afise mu gihugu hagati.
IGIHE
Messages
30 Munyonyo 2016, 07:59, par DEUS
TOUJOURS AFIRIKA, OYA NTIWIGANYIRE
1er Kigarama 2016, 08:39, par Issa
Urucira muka so rugatwara nyoko,washigikiye mandat y’umwicanyi Peter none raba urageramiwe urabuze ayo ucira n’ayo umira
3 Kigarama 2016, 11:02, par Maneno
natange imihoho yarayaros nahaband africa nishida gusa