Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jacques BIGIRIMANA asaba umuhuza gufata umugambwe FNL nk’iyindi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Jacques BIGIRIMANA asaba umuhuza gufata umugambwe FNL nk’iyindi (...)

Jacques BIGIRIMANA asaba umuhuza gufata umugambwe FNL nk’iyindi migambwe

lundi 13 Ruhuhuma 2017

Umugambwe FNL urongowe na Jacques BIGIRIMANA umenyesha ko umufasha w’umuhuza mu biganiro bihuza abarundi William Benjamin Mkapa hari amakosa yakoze mu gutumira abazokwitaba ibiganiro kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Abicishije mw’ikete yandikiye umuhuza Benjamin Mkapa,kw’igenekerezo rya 11 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017, Jacques BIGIRIMANA amenyesha ko ikosa rya mbere ari uko umuhuza Benjamin Mkapa yatumiye umugambwe FNL AMIZERO kandi mu Burundi hari umugambwe umwe wenyene witwa FNL uzwi n’amategeko.

Muri iryo kete, Jacques BIGIRIMANA avuga kandi ko umugambwe FNL warungikiwe ubutumire bw’umuntu umwe mu gihe iyindi migambwe yarungikiwe ubutumire bw’abantu babiri.

Jacques BIGIRIMANA agasaba umuhuza mu biganiro vy’abarundi Benjamin Mkapa gukosora ayo makosa, kandi umugambwe FNL ugafatwa co kimwe n’iyindi migambwe.


IGIHE

Messages

  • Hhhh ewe jacque ndagutwenze kabisa!

  • m bejapue ahowewe urajangahongo urongoye fnl fnl wewe ntayuzinagato wewe urigikoresho caba Dd ntamuntafisubwenge yaranakwiye nukugutumira gutumira wewe ninkuguta umwanya kuko tweturazi fnl is mutama rwasa niwemushingantahe ayiramutsa nayowew genduryamahera yaboba Dd mugasinkubushe harigihe uzoyaruka ikiburirwa nicumva icerekwanikibona harigihe intahe izosubizwa ijambo uzocubwira iyo fnl iwayiguhay ndakurahire nturyenguryame

  • jaque we ryamahera yaboba dd nahandi wewe ntakintuzi muri fnl wewe ninkugufata ibuye ukabahutereka ugaheza ukazurivomera k ugira urabekoryoshingimizi kadusazwuziko atabuye rinshigimizi gutumirawewerero ninkogutumwanya kuko ntakintunakiny umaze tweturazi fnl ya nyakubahwa agato rwasa niyo fnl nayowewe jahoyiraramire wirire and Dr gusa arikoharigihe intahe izosubizwa ijambo ndakurahire utatubwiye iyo fnl uwayiguhaye ikiburirwa nicumva icerekwanikibona ahantugirengo ntitukubona

  • Narabe Neza Impamvu Adafatwa Nkabandi.

  • EWE JACQUESBIGRIMANA,URAGOWE NTUMARAMARA WEWE URAFISE UMUGAMBWE, WEWE UFISE ABANAMARIMWE BANGAHE?,WAGIKORESHOWE. UZICUZA RINDIRA IMANA IGIRA IKUDAHWE UBUNYENE UZIYAHURA WEWE NYENE.KUKO WARAMEJE WARAMEJE.FNL TUZIKO IRONGOWE NANYENICUBAHIRO AGATHON RWASA.NAWE GENDUYERERE.

  • Nyakwubahwa J Bihirimana, avuze ukuri kandi ahobukera birakosorwa nkuko abishaka abagogota muvuga ngwaribeshe muzobibona mwibandanirize kumaramara nkuko mubimazemwo igihe kinini.

  • Urata Amaboko Utagira Uwuyaha Rekera Politique Abayizi

  • Uratwengej jak!we ntiwabony ko twakwas!?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.