Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jean Marie AHISHAKIYE:’’Ubutumwa buciye mu ndirimbo bufasha benshi’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Jean Marie AHISHAKIYE:’’Ubutumwa buciye mu ndirimbo bufasha benshi’’

Jean Marie AHISHAKIYE:’’Ubutumwa buciye mu ndirimbo bufasha benshi’’

lundi 24 Mukakaro 2017

Izo ndirimbo ziboneka uno munsi no ku buhinga ngurukanabumenyi bwa youtube, ni urandamukiriza abiwacu, Poritike, na Twisubireko, zose yazikoreye mu gihugu c’Ubuganda.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Jean Marie AHISHAKIYE amenyesha ko yahisemwo kuririmba kuko ubutumwa buciye mu ndirimbo bufasha abantu benshi, kandi abatari bake bakaba bakunda kwumviriza indirimbo, kandi nawe akaba ari mu bafashwa n’ubutumwa buciye mu ndirimbo.

Jean Marie AHISHAKIYE ati :«Kenshi iyo abantu bumvise indirimbo bakunda, n’amajambo barayakurikirana ugasanga arafashije

JPEG - 60.6 ko
Jean Marie AHISHAKIYE,umuririmvyi aba mu gihugu ca Australia

Jean Marie AHISHAKIYE yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko mu ndirimbo ziwe, asanzwe atanga ahanini impanuro ku rwaruka, kuko muri bino bihe usanga arirwo rusamazwa na vyinshi.

Mu migambi yiwe ya kazoza, umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE arashikiriza ico yipfuza gushikako.

Ati : «Muri kazoza ngomba ko nzoba mfise umurwi w’abaririmvyi ukomeye, uririmba indirimbo zihayagiza igihugu cacu, zitanga n’impanuro kuri bose

Umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE amenyesha kandi ko ategura kugira ibiteramo mu ntara zitatu z’Uburundi arizo : Bujumbura, Gitega na Ngozi.

Jean Marie AHISHAKIYE yavukiye mu ntara ya Gitega, amaze imyaka 9 aba mu gihugu ca Australiya.

Kurikira indirimbo zitatu za Jean Marie AHISHAKIYE aha munsi :


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.