Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Jean Pierre Bemba yagirijwe ikindi caha na Sentare mpuzamakungu (...)
Jean Pierre Bemba yagirijwe ikindi caha na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha
mercredi 19 Gitugutu 2016, par
Uwahora ari icegera c’umukuru w’igihugu muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Jean-Pierre Bemba yagirijwe na Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha ko yahaye igiturire ivyabona.
Bemba yari yagiwe mu ntango z’uno mwaka n’ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha bikorerwa kiremwa muntu, aciribwa igihano c’imyaka 18. Yagirijwe mu kwezi kwa gatatu ku vyaha yakozwe mu gihugu ca Republika Centrafricaine mu mwaka w’2002 hamwe n’uw’2003.
Yagirijwe ko yananiwe n’uguhagarika abarwanyi yari arongoye, kugira ntibice canke bafate ku nguvu abigeme n’abagore.
- Uwahora ari icegera c’umukuru w’igihugu muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Jean-Pierre Bemba
Kuri uwu wa gatatu yongewe icaha co gutanga igiturire camutumye abwira ivyabona ivyo bakwiye kuvuga, bahindura ibirego vy’urubanza. Abantu bane mu bamufasha nabo nyene bagiriwe.
BBC ivuga ko ari ubwa mbere habaye urubanza rujanye n’ibiturire mu mateka ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye.
Abacamanza bavuze ko ivyabona bikomeye 14 vyo mu rubanza rwa mbere vyarinze kwigishwa ivyo bikwiye kuvuga.
Jean Pierre Bemba yapfunzwe mu kwezi kwa gatandatu, akaba ariko yamenyesheje ko ashaka kwunguruza urubanza.
IGIHE
Messages
20 Gitugutu 2016, 01:03, par morodikayi.
Nibamuhashe kuko ntamugabo yobafise ubwenge agashigikira abakora amabi nkayo yogufata abakenyezi kunguvu, burya uwaciye umugani ngo nyamwongerikibi mukindi yasovye muruzi ruca ruramutwara.kubwico giturire ni yongerezwe ibihano bimukwiye, nabamwe ntiriwe ndadondora ngaha muburundi vyaribikwiye ko bafatwa vyihutirwa bagashikirizwa ubwo bucamanza.
20 Gitugutu 2016, 06:19, par tari
Giravuba muturengukirize nkuru na bambari biwe amazi yarenzi nkombe abantu arikwica nikirenga
20 Gitugutu 2016, 09:31, par Temba ntereke
@tari
Uraraba neza hari n’aho womutangayo! Kuko wewe urinda kuba uri intagondwa y’umwihebe! Urucira mukaso rugatwara nyoko!
20 Gitugutu 2016, 10:52, par 32
N,.ibagerageze,bahane,mugabo,isi,yose,nakag,!!
20 Gitugutu 2016, 16:16, par Karorero
Yeeyeyeyeyeeehhh baba weeeee!!!!iyi sentare ntimubona ko irenganya abirabure ngo ibyaha yakoreye mur centrafrique mugihe we yari yibera muri congo nkumunye congo arko abasanze khadafi mugihugu ciiwe nindege nibifaru bakaruhuka bamwishe bariraramiy ntawubarya nurwara imana mushobora byose niyo iikorera muntwari zuburundi twaray tuyikuyeko puu puu puuuuu...