Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Johnny Hallyday agiye guhambanwa iteka ry’incungu y’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Johnny Hallyday agiye guhambanwa iteka ry’incungu y’igihugu

Johnny Hallyday agiye guhambanwa iteka ry’incungu y’igihugu

vendredi 8 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Johnny Hallyday azosezerwa ubwa nyuma ku kirimba c’umukuru w’igihugu «Champs Elisées» ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 9 Kigarama, akazoshingurwana iteka ry’incungu y’igihugu «Héros National».

Muri iyo minsi, inyuma y’urwo rupfu, indirimbo za Jonny Hallyday ziriko ziragurwa cane, mbere bikavugwa ko izo ndirimbo ziza mu kibanza ca mbere c’iziriko ziraronderwa cane kw’isoko.

JPEG - 49 ko
Johnny Hallyday yafatwa nk’umwami w’umudiho wa Pop mu gihugu c’Ubufaransa

Imbuga zo gukurako indirimbo nka Spotify, Deeze, Apple Music ziguma igendegwa cane n’abakunzi b’umuziki bipfuza indirimbo za Jonny Hallyday.

Amakuru ava ku rubuga Deezer avuga ko abumviriza indirimbo za Johnny Hallyday bongerekanye ku rugero rwa 4 400% ku munsi wa gatatu gusa.

Johnny Hallyday uwafatwa nk’umwami w’umudiho wa Pop mu gihugu c’Ubufaransa yitavye Imana mw’ijoro ryo kuwa kabiri rishira uwagatatu ahitanywe n’ingwara ya cancer yo mumahaha. Jonny Hallyday akaba yapfuye afise imyaka 74.

Uwo muhisi akaba yari akunzwe cane mu gihugu c’Ubufaransa, mbere no kw’isi yose.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.