Accueil > Amakuru > Mu makungu > Johnny Hallyday agiye guhambanwa iteka ry’incungu y’igihugu
Johnny Hallyday agiye guhambanwa iteka ry’incungu y’igihugu
vendredi 8 Kigarama 2017, par
Johnny Hallyday azosezerwa ubwa nyuma ku kirimba c’umukuru w’igihugu «Champs Elisées» ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 9 Kigarama, akazoshingurwana iteka ry’incungu y’igihugu «Héros National».
Muri iyo minsi, inyuma y’urwo rupfu, indirimbo za Jonny Hallyday ziriko ziragurwa cane, mbere bikavugwa ko izo ndirimbo ziza mu kibanza ca mbere c’iziriko ziraronderwa cane kw’isoko.
- Johnny Hallyday yafatwa nk’umwami w’umudiho wa Pop mu gihugu c’Ubufaransa
Imbuga zo gukurako indirimbo nka Spotify, Deeze, Apple Music ziguma igendegwa cane n’abakunzi b’umuziki bipfuza indirimbo za Jonny Hallyday.
Amakuru ava ku rubuga Deezer avuga ko abumviriza indirimbo za Johnny Hallyday bongerekanye ku rugero rwa 4 400% ku munsi wa gatatu gusa.
Johnny Hallyday uwafatwa nk’umwami w’umudiho wa Pop mu gihugu c’Ubufaransa yitavye Imana mw’ijoro ryo kuwa kabiri rishira uwagatatu ahitanywe n’ingwara ya cancer yo mumahaha. Jonny Hallyday akaba yapfuye afise imyaka 74.
Uwo muhisi akaba yari akunzwe cane mu gihugu c’Ubufaransa, mbere no kw’isi yose.
Pacifique BUKURU