Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Joseph KABILA yashigikiwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika
Joseph KABILA yashigikiwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika
jeudi 27 Gitugutu 2016, par
Inama yariko ibera mu gisagara ca Luanda mu gihugu ca Angola yasozerewe kuri uwu wa gatatu abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika bemeje ko bashigikiye ko amatora y’umukuru w’igihugu muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yoba mu mwaka w’2018, aho akaba ari mu gihe vyari vyitezwe ko ayo matora aba mu mpera z’uwu mwaka w’2016.
Mu gihe ibiringo vy’umukuru w’igihugu Joseph KABILA vyoheze kw’igenekerezo rya 19 Kigarama 2016, ingingo yafashwe muri iyo nama n’uko ariwe nyene azobandanya kuyobora Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu myaka ibiri iri imbere.
Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa KABILA bamenyesha ko bari biteze ko abakuru b’ibihugu vya Afrika bagondoza Joseph KABILA ko yokwemera ivy’ugutegura amatora.
- Joseph KABILA yashigikiwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika
Jose Eduardo dos Santos, umukuru w’igihugu ca Angola, umwe mubari muri iyo nama, yahamagariye abatavuga rumwe n’ubutegetsi kwihangana kuri iyo myaka ibiri yongewe, akavuga ko vyoba vyiza amatora ateguwe mu buryo bwiza, hako impande zitavyemera zofata inzira y’ubugizi bwa nabi.
Godefroy Mwanabwato, umwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi, yamenyesheje ko bidatangaje kubona abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika bafata ingingo nk’iyo, akavuga ko benshi mu bakuru b’ibihugu bari muri iyo nama ari abahinduye amabwirizwa shingiro y’ibihugu vyabo, abandi bari ku butegetsi haraheze imyaka 25 n’iyirenga. Ku bwiwe, nta ciza cari kuva kuri abo bakuru b’ibihugu, mu bijanye n’ugusubiza ubutegetsi buri mu minwe ya Joseph KABILA.
IGIHE
Messages
27 Gitugutu 2016, 12:23, par nzoza yunus
bazokugwaho nubuhiri birike nkubuyabu !!!!!!!
27 Gitugutu 2016, 12:28, par tari
Ntagitangaje n’umwungu wa rwaruyuzi
27 Gitugutu 2016, 12:31, par Afrika
Amatora muri Afrika yama atwara amafaranga atagira igitigiri kandi ahanini aja mu mipfuko y’abakoloni, amatoro yama akwirikirwa n’iseseka ry’amaraso , amaze iki? Afrika ikeneye stabilite n’abatware bakunda igihugu, barondera ineza n’iterambere rya bose.Hakenewe democratie a l’africaine atari iyo dutamikwa n’abakoloni.
27 Gitugutu 2016, 16:09, par BONA
KO MUTATUBWIRA INGINGO NYAMUKURU KABIRA ASHIRIMBERE ZATUMYE AMATORA YIGIZWA IMBERE
27 Gitugutu 2016, 16:25, par Philibert
@Afirka . None démocratie à l’africaine yoba ariyo ya Kabila ? Canke iyo abakuru bibihugu vyafrika bariko baravugira i Luanda? Barya bagabo bari i Luanda c’est un club de mafiosi tout simplement . Un ramassis de criminels vivant au dos des peuples.
28 Gitugutu 2016, 08:22, par Bakari
@Philibert
"Un ramassis de criminels vivant au dos des peuples."
Wotubwira ko muri iyo club itakurwa neza ushiramwo Kigali?
Niho twomenya ko ugororotse canke uhengamye!
28 Gitugutu 2016, 08:34, par FNL
Aha niho nca mbona ko Kagame ari umugabo nyamugabo,conseil yahaye Kabila i Gisenyi zirafashe, bravo le Rwanda
28 Gitugutu 2016, 21:40, par Stabilité
Ba sindumuja ko muratangura imyiyerekano n’imigumuko i Congo?
Ko mutayigize mu Rwanda no mu Buganda?
Murahenda ba nyokuru banyu.
1er Munyonyo 2016, 07:23, par Eric
Bose nabanyagitugu kimwe.