Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
KWIZERA Pierrot agiye kugeragezwa mu murwi wo mu Bubirigi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > KWIZERA Pierrot agiye kugeragezwa mu murwi wo mu Bubirigi

KWIZERA Pierrot agiye kugeragezwa mu murwi wo mu Bubirigi

vendredi 28 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Kwizera Pierrot, umukinyi w’umurundi akunze gutumwako mu murwi nserukiragihugu w’Uburundi "INTAMBA MU RUGAMBA", akaba asanzwe akina mu murwi wa Rayon Sports mu gihugu c’Urwanda agiye kwerekeza mu gihugu c’Ububirigi, aho agiye kugeragezwa n’umurwi wamushimye wa KAA La Gantoise uzwi nka “KAA Gent”.

Uwo akina hagati mu kibuga azofata urugendo rumushikana ku mugabane wa Buraya mu ntango z’ukwezi kwa gatanu, akaba azoba agiye gukora ibipimo vy’ukuraba ingene amagara hamwe n’ubuzima bwiwe vyifashe. Mu gihe bosanga ivyo bipimo vyifashe neza, azoca aguma muri uwo murwi wamaze guheza amasezerano y’ubuguzi na Rayon Sports, nk’uko vyemezwa na Gakwaya Olivier, umuyobozi wa Rayon Sports.

Ivyo bipimo bizokorerwa mu Bubirigi bizomara nk’indwi imwe canke zibiri.

KAA ni imwe mu mirwi ikomeye yo mu Bubirigi, ikaba iri mu kibanza ca kabiri n’amanota 36.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.