Accueil > Amakuru > Amashuri > Kaminuza y’Uburundi igiye gutanguza inyigisho z’igice ca kabiri ca (...)
Kaminuza y’Uburundi igiye gutanguza inyigisho z’igice ca kabiri ca kaminuza
mercredi 4 Gitugutu 2017
Gaspard BANYANKIMBONA umukuru wa Kaminuza y’Uburundi amenyesha ko ibisabwa kugira uwushaka kwiga izo nyigisho ahabwe uburenganzira bwo gukora ikibazo kizomurekurira kwiga zizokwakirwa kuva ku musi wa kabiri igenekerezo rya 10 gushika ku rya 20 gitugutu 2017 kuva igihe c’isaha zibiri n’igice z’agatondo gushika isaha umunani n’igice z’umutaga.
Mw’itangazo ryasohowe n’umuyobozi wa kaminuza amenyesha ko uwushaka amakuru zijanye nico gikorwa ashobora kubisoma kurubuga rwo mu biro vy’umukuru wa kaminuza y’Uburundi kuri (cabinet-recteur @ub.edu.bi) canke ku rubuga rwa Kaminuza y’Uburundi kuri(www.ub.edu.bi).
Vianney BIKORIMANA