Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Ibwirizwa nshingiro rizohindurwa hisunzwe ivyavuye mu biganiro bihuza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Ibwirizwa nshingiro rizohindurwa hisunzwe ivyavuye mu biganiro bihuza (...)

"Ibwirizwa nshingiro rizohindurwa hisunzwe ivyavuye mu biganiro bihuza abarundi"

mardi 21 Ruhuhuma 2017

Umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine KANYANA amenyesha ko ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi rizohinyanyurwa hisunzwe ibizoba vyavuye mu biganiro bihuza abarundi bihagarariwe n’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro CNDI.

Amakuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru ABP amenyesha ko umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine KANYANA yavuze ko ingingo zimwe zimwe ziri mw’ibwirizwa nshingiro zataye igihe, kuko zidahuye nuko ibintu vyifashe mu gihugu muri iki gihe.

Umushikiranganji w’ubutungane yavuze ko ibwirizwa nshingiro rishasha rishaka gushirwa ku rugero rumwe n’ayandi ma bwirizwa agenga ibihugu bigize ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko igihugu c’Uburundi kirimwo.

Naho biri ukwo, umuhuza mu matati y’abarundi Benjamin Mkapa mu biganiro biheruka kubera i Arusha kuva kw’igenekerezo rya 16 Ruhuhuma, umwaka wa 2017 yavuze ko uko ibintu vyifashe ubu mu Burundi bidashobora gutuma ibwirizwa nshingiro rihindurwa.


IGIHE

Messages

  • Murarihindura mugabo hari igihe muzokwipfuza kurisubizaho bitagishoboka kandi sikera.

  • Jewe namye mvuga yuko urya murwi witwa ni CNDI kwarigikoresho ca Nkurunziza! bamwe bumvise shatse nkugushirahabona ibihavugirwa ntibanezerewe, nukuri urya murwi urongowe nurya mugabo ufise amahinyu adasazwe, kuko ibihavugirwa sivyo kuzokubaka igihugu nagatoya! umwe niwe yavu zengo muzomfashe kuraba ivyakumiza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.