Accueil > Amakuru > umutekano > Karusi : Umuporisi yapfuye arashwe na mugenzi we
Karusi : Umuporisi yapfuye arashwe na mugenzi we
lundi 26 février 2018
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko APC NTUNGWANAYO Renovat , yitavye Imana inyuma yo gukomeretswa bikomeye na APP MASABIRE Severin, igihe yarasa amasase menshi ayatumbereza mu rugo iwe.
Ayo makuru nyene amenyesha ko, APP MASABIRE Severin asanzwe akorera mu gisata kijejwe kurwanya impanuka yari aborewe cane igihe yatangura kurasa, umugore wiwe amaze kubimenyesha abaporisi, baje gutabara niho yaca arasa APC NTUNGWANAYO Renovat, aramukomeretsa cane, aca yitaba Imana amaze gushikanwa mu bitaro vy’i Karusi.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE , amenyesha ko APP MASABIRE Severin yikitse inyuma y’umuzimiza, yaciye ahunga, ariko inkoho yiwe ikaba yamaze gufatwa, nawe akaba ariko araronderwa.
MUGISHA Van Naris