Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Karuzi : Umumenyeshamakuru wa Radio ISANGANIRO arumvirizwa mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Karuzi : Umumenyeshamakuru wa Radio ISANGANIRO arumvirizwa mu (...)

Karuzi : Umumenyeshamakuru wa Radio ISANGANIRO arumvirizwa mu butungane

vendredi 4 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Umumenyeshamakuru wa Radio ISANGANIRO, Blaise Pascal Kararumiye arumvirizwa mu butungane kuri uwu wa gatanu. Uwo mumenyeshamakuru yari yaharitswe kuri uwu wa gatatu, amara amasaha abiri ariko yumvirizwa n’uwutwara igiporisi mu ntara ya Karusi.

KARARUMIYE Blaise Pascal yagirizwa ko yabeshe mu makuru yatanze kuri Radio ISANGANIRO, aho yavuze ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD zikora mu kibanza c’abajejwe umutekano, mu gukizura mw’ijoro hamwe n’uguhagarika abantu.

Umuyobozi wa Radio ISANGANIRO, Samson MANIRATUNGA ariyamiriza iryo rengutswa mu butungane ry’uwo mumenyeshamakuru, akavuga ko ari ugutera ubwoba uwo mumenyeshamakuru. Ku bw’uwo muyobozi, abatashimye inkuru yatanzwe bari kwitwarira Radio Isanganiro yacishijweko iyo nkuru.

Tubamenyeshe ko umukuru w’igihugu w’Uburundi Petero NKURUNZIZA yabonetse ku rutonde rw’abakuru b’ibihugu batorohereza abamenyeshamakuru mu bikorwa vyabo vy’itangazamakuru. Kuri urwo rutonde, hariko kandi Paul KAGAME umukuru w’igihugu c’Urwanda hamwe na Joseph KABILA wa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Recep Tayyip Erdoğan wa Turkiya, Umwami Salman wa Arabiya Saudite hamwe n’ubuyobozi bw’abarwanyi ba Reta ya Kiyisilamu. Urwo rutonde rwasohowe mu cegeranyo c’umuryango w’abamenyeshamakuru batagira imbibe (Reporters Sans Frontieres).

Mu cegeranyo kirimwo urwo rutonde, bavuga ko mu guhohotera itangazamakuru hamwe n’abamenyeshamakuru, Reta y’Uburundi ikoresha abakozi b’iperereza hamwe n’abayobozi mu giporisi c’Uburundi.

Ishirahamwe "Reporters Sans Frontieres" rivuga ko umukuru w’igihugu w’Uburundi Petero NKURUNZIZA yagaragaye ubwa mbere kuri urwo rutonde mu mwaka uheze, Petero NKURUNZIZA akagirizwa ko kuva mu mwaka w’2015, amaze gutuma ibimenyeshamakuru vyinshi vyugara, abamenyeshamakuru nabo barenga 100 bahunga igihugu kuva mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka uheze, igihe Petero NKURUNZIZA amenyeshereje ko agiye gusubira kwitoza mu kiringo ca gatatu.

Uburundi buri mu kibanza c’156 ku bihugu 180 ku rutonde rw’uko uburenganzira bw’ibimenyeshamakuru bwubahirizwa kw’isi.


IGIHE

Messages

  • Mwashanomwe iyobigeze kukurega radio ica ibanza kwugarwa,
    Hanyuma none mushigikiye umumenyeshamakuru abeshera abantu none kubeshera abandi mwumva ariwomwuga wanyu?
    Nayo uwomwanditsi avuzengo uburundi buri mubihugu bitubahiriza abamenyeshamakuru none wokubahiriza wokubahiriza umutangajaji wumubeshi canke wokwubahiriza umtangajaji avuga mivyukuri.
    Ekanda twarigeze kubareka kubwigitutu cabonyene muvuga ngobatangaje ko uburundi butubahiriza umumenyeshamakuru wububeshi twarabonye ahovyatugejeje ubuntakuvyihanganira tuzobahagarika bashaka bazoze babatware iyobatwaye abandi ariko twigumire murwamo ruke.

  • Oya nkurunziza yarakwiye gushirwa kunomero yambere, mubasazwe bahohotera abamenyeshamakuru.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.