IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Kayanza: Nyene ubutare bwa Coltan bwafashwe yaciriwe gupfungwa imyaka (...)

Kayanza: Nyene ubutare bwa Coltan bwafashwe yaciriwe gupfungwa imyaka 20

mardi 17 Nzero 2017

Jeremie BAMPANZE nyene ubutare bwa Coltan bwafatiwe mu ntara ya Kayanza yahanishijwe igihano co gupfungwa imyaka 20 no gutanga ihadabu y’imiliyoni 15 z’amarundi na Sentare nkuru mu ntara ya Kayanza.

Urubanza rwaciwe na sentare Nkuru mu ntara ya Kayanza kuw’Imana igenekerezo rya 15 Nzero 2017,mu rubanza rw’ikibiriraho.

Jeremie BAMPANZE yagirijwe na Sentare nkuru y’intara ya Kayanza gushorera hanze , ubutare mu buryo butemewe n’amategeko.

Urwo rubanza ruciwe inyuma yaho hari abandi 12,harimwo abantarwanda 11 n’umurundi umwe,bafashwe ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 14 Nzeroo 2017,bagaca bacirirwa urubanza na sentare nkuru y’intara ya Kayanza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.