IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kenya : Abagabo babiri bagirizwa urudandazwa rw’abakobwa b’abarundikazi (...)

Kenya : Abagabo babiri bagirizwa urudandazwa rw’abakobwa b’abarundikazi barumvirijwe na sentare

mardi 24 avril 2018

Abo bagabo ni Bigirimana Hassan w’umurundi, hamwe na Kasso Abdalla Ebrahim yoba ava mu bihugu vy’abarabu, bumvirijwe kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 23 Ndamukiza 2018.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abo bagabo babiri, bagirijwe kandi kuba binjije abo bigeme,mu gihugu no kugumya ivya ngombwa vyabo hatisunzwe amategeko.

Ayo makuru ya BBC, amenyesha ko,uko ari babiri bose, bahakanye ivyo bagirizwa, ariko sentare ica isaba ko umwe wese yotanga amadorare ibihumbi 10, kugira abe ararekurwa ivy’agateganyo.

Bitegekanijwe ko urwo rubanza ruzosubira kwumvirizwa kw’igenekerezo rya 5 Rusama 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • None izo 10 za madoral baca bayaha abo bigeme cank bene abo bigeme ?Ahubwo nibabaze amazina yabo bamaz gutwara bose kugira leta izokwige ingen yobakurayo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.