Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Abakozi bo ku rwego rwo hejuru bagabanijwe imishahara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Abakozi bo ku rwego rwo hejuru bagabanijwe imishahara

Kenya: Abakozi bo ku rwego rwo hejuru bagabanijwe imishahara

lundi 10 Mukakaro 2017

Umukuru w’umurwi Sarah Serem, avuga ko ubwo buryo bushasha bwo kuriha abo bakozi, buzotuma igihugu kigarukana amafaranga imiliyoni 80 z’amadolare mu kigega ca Reta.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC,amenyesha ko uwo murwi wamenyesheje ko umukuru w’igihugu agiye guhembwa imiliyoni 1.4 vy’amashiringi (amadolari 14000) ku kwezi ,akaba avuye ku madolare 15000; icegera ciwe nawe akazohembwa imiliyoni 1.2 z’amashilingi (amadolari $12000).

Ayo makuru nyene, amenyesha ko abashikiranganji bazohembwa 924000 vy’amashiringi ($9240), umukuru w’inama nshingamateka agahembwa imiliyoni 1.1 z’amashiringi ($11000), abarongoye intara 924000 vy’amashiringi ($9240).

Abandi bagabanijwe imishahara ni abahanuzi mu ntara bazohembwa 144000 vy’amashiringi bavuye ku 165000 vy’amashiringi.

Uwo mugwi wakuyeho kandi udushirukabute two kwiyunguruza twahabwa abarongoye intara hamwe n’abashingamateka.

Iyo ngingo izotangura kuja mu ngiro kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.