Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Abantu batatu boba bamaze kwitaba Imana mu myiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Abantu batatu boba bamaze kwitaba Imana mu myiyerekano

Kenya: Abantu batatu boba bamaze kwitaba Imana mu myiyerekano

jeudi 10 Myandagaro 2017

Amakuru dukesha Iradiyo y’Abafaransa RFI amenyeshako hoba hari n’abandi bantu babiri bari bitavye imyiyerekano bishwe mu gisagara ca Nairobi.

Umuporisi akorera muri ako gace yabwiye iradiyo y’abafaransa RFI ko abo bantu bapfuye bari mu myiyerekano,inyum ayaho umurwi w’ abaporisi urungikiwe kugarukana umutekano mu gaco karimwo imyiyerekano.

Amakuru ava mu gisagara ca Nairobi, amenyesha ko hari n’abandi baciye bikika mu kiza basahura ibidandazwa vy’abanyagihugu bakorera muri ako gace k’umurwa mukuru.

Mwomenya ko mu ntara ya Kisumu isanzwe irimwo abatuvaga rumwe na Reta benshi ,habereye imishamirano hagati y’abaporisi bagwanya imigumuko n’abantu baribazibiye amabarabara, ivyo bikaba vyashitse inyuma yaho umugwi wigenga ujejwe gutegura amatora ushikirije ko mu biharuro mfatakibanza vy’amatora, Uhuru Kenyatta ariwe aza imbere gusumba Raila Odinga.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.