Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Abanyagihugu bafise ubwoba kw’irahira rya Raila Odinga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Abanyagihugu bafise ubwoba kw’irahira rya Raila Odinga

Kenya : Abanyagihugu bafise ubwoba kw’irahira rya Raila Odinga

mardi 30 janvier 2018

Umukuru w’urunani NASA Raila Odinga,yahamagariye abayoboke biwe kwitaba ku kibuga Uhuru Park kiri ku murwa mukuru Nairobi, bitwaje ibitambara vyera vyerekana amahoro, mu birori vyo kurahira.

Raila Odinga yavuze ko igiporisi kidashobora kivyinjiramwo, kuko bishobora gutuma haduka indyane, kandi ko nimba kurahira bishobora kumutwara ubuzima canke bigatuma apfungwa yiteguye kuvyemera.

Umukuru w’igiporisi Japhet Koome yamenyesheje ko badashobora kwemera ko haba ihungabanywa ry’umutekano, kandi ko ata murwi n’umwe urekuriwe guhagarara ku kibuga Uhuru Park.

Umushikirizamanza kizigenza mu gihugu, yavuze ko hamwe Raila Odinga yorahira azoba ahemukiye igihugu ku rugero ruri hejuru, kandi bishobora gutuma aciribwa igihano co gupfa.

Ku ruhande rwiwe,umunyamabanga mukuru w’urunani NASA Norman Magaya, yavuze ko uwohagarikwa wewe bizoba bidakurikije amategeko, ariko ko ubutegetsi bushoboye vyose, ariko bishobora kugira ingaruka zikomeye.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.