Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Abatavuga rumwe na Reta bahuriye mu runani mu matora y’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Abatavuga rumwe na Reta bahuriye mu runani mu matora y’umukuru (...)

Kenya: Abatavuga rumwe na Reta bahuriye mu runani mu matora y’umukuru w’igihugu

lundi 29 Rusama 2017

Mu bari mu rurwo runani harimwo Raila Odinga akaba ari nawe aserukira urwo runani,yatangfuye ibikorwa vyo kwiyamamaza ku muhingamo wo kuw’Imana igenekerezo rya 28 Rusama,umwaka wa 2017.

Janette Obege ari mubagize urwo runani,yabwiye abari baje gushigikira imyiyamamazo ko bizeye gutsinda amatora kuko hari abandi batavuga rumwe na Reta bamaze kuja mu runani,muri abo harimwo abayoboke ba Isaac Ruto na Musalia Mudavadi.

Abahurikiye mu runani NASA bavuga ko bizeye intsinzi mu mtora ,kuko mu matora aheruka bari batandukanye ariko ubu bagiye hamwe kugira bagire urunani,kandi bizeye ko Raila Odinga azofasha abanyakenya,mu gihe bugarijwe n’ubukene.

Samuel Otieno ari mu batavugarumwe na Reta amenyesha ko ata cizere bafitiye umurwi utegura amatora kuko uhengamye,kandi n’amatora aheruka yatunganijwe ata muco urimwo.

Abari mu runani NASA basaba ko ibizova mu matora vyoshikirizwa mu turere two hasi,atari ku rwego rw’igihugu.

Amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kw’umunani,uno mwaka wa 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.