Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Donald Trump yasavye abategetsi gufata ubutunzi bw’abategetsi ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Donald Trump yasavye abategetsi gufata ubutunzi bw’abategetsi ba (...)

Kenya : Donald Trump yasavye abategetsi gufata ubutunzi bw’abategetsi ba Sudani y’Epfo

mercredi 20 juin 2018

Urubuga rw’ikinyamakuru Daily Nation rwo muri Kenya ruvuga ko Reta y’ico gihugu iguma inana ku gitsure ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika isaba ko amatungo yose y’abategetsi ba Sudani y’epfo yofatwa.

Ico kinyamakuru kivuga ko abategetsi ba Kenya bavuze ko ico gihugu kizi ivyo gitegerezwa gukora bijanye n’igiturire hamwe n’inyuruzwa ry’amafaranga, kandi kiriko kirakorana n’amakungu kuri ico kibazo.

Amakuru dukesha urubuga rw ‘iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umunyamabanga wa Reta ya Kenya ajejwe imigenderanire yavuze ko bariko bakorana n’abantu batandukanye kandi ko batemera igitsure c’ibindi bihugu.

Ingingo y’ubutegetsi bwa Donald Trump ije ikurikira icegeranyo co mu mwaka wa 2016, cari casabwe na George Clooney, cagiriza umukuru w’igihugu wa Sudani y’epfo Salva Kiir, uwumugwanya Riek Machar hamwe n’abandi basirikare bo mu rwego rwa jenerare ko bigarurira amatungo mu gihe igihugu kiri mu ntambara.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.