Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Igiporisi cugaye imboneshakure Citizen TV na NTV
Kenya : Igiporisi cugaye imboneshakure Citizen TV na NTV
mardi 30 janvier 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umwe mu barongoye izo mboneshakure yavuze ko abakozi b’ikigo kigenzura itumatunako ry’amakuru bari kumwe n’igipolisi, binjiye ahakorera imboneshakure arongoye barayihagarika.
Amakuru ya BBC, avuga ko ari ku ncuro ya mbere ibintu nk’ivyo bikozwe mu gihugu ca Kenya.
Ubutegetsi mu gihugu ca Kenya bwaragabishije ibinyamakuru ko bitokwerekana ibirori vyo kurahiza Raila Odinga, kuko bifatwa nk’uguhemukira igihugu mu gihe, uwo atavuga rumwe na Reta yatsinzwe mu matora yo mu mwaka uheze wa 2017.
Abanyagihugu baharurwa mu majana bakoraniye ku kibuga co kuruhukiramwo Uhuru Park habera ivyo birori, naho igipolisi cari catangaje ko kizohazibira ntihagire uwujayo.
Amatora yo mu kwezi kw’umunani 2017 yaragizwe impfagusa kubera ibitagenze neza. Aya kabiri atitabwe na Raila Odinga, yatsinzwe n’umukuru w’igihugu atsindwa Uhuru Kenyatta.
MUGISHA Van Naris
Messages
3 février 2018, 15:56, par Niyonkuru Elysé
Ha Non ABakuru Bibihugu Babiri ?Nugihugu Kimw Birakund ?ABanyafrika Kwel Bararab Nez Kuki Badashak Kuva Kubutegetsi ?