Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Igitero kigira kabiri cahitanye abantu 12 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Igitero kigira kabiri cahitanye abantu 12

Kenya : Igitero kigira kabiri cahitanye abantu 12

mardi 25 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu bagera kuri 12 nibo bamaze kumenyekana ko bitavye Imana mu gitero cakoze n’abihevyi ku nzu y’ingenzi iri mu gisagara ca Mandera. Ico gitero kigize kabiri kibaye muri ico gisagara kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Kenya, ku rubibe Kenya ihana na Somaliya.

Umwe mu ndongozi mu giporisi gikorera ahabereye ico gitero yemeza ko bashoboye kubona ibiziga vy’abantu 12, akamenyesha ko babifashijwemwo n’igiporisi kijejwe kurwanya iterabwoba, bariko barabandanya kurondera abandi boba baguye muri ico gitero, ariko bataramenyekana.

Ico gitero kibaye ica kabiri gikozwe muri ako karere, mu kiringo c’ukwezi kudakwiye, ico cabaye kuri uwu wa kabiri ariko akaba ata murwi n’umwe uraciyemerera. Icaheruka kuba kuwa 6 Gitugutu cakozwe n’abarwanyi ba Al Shababs bo muri Somaliya, nk’uko bavyiyemereye.

Kuva ico gihugu ca Kenya kirungitse mu mwaka w’2011 abasirikare baco muri Somaliya kurwanya abakora iterabwoba, ibitero vy’abihevyi vyagumye bikorwayo. Icaheruka kuba kigahitana benshi ni icakozwe muri Nyakanga 2013, aho abantu bagera kuri 67 aribo bahaguye, mu nyubakwa ya Westgate, i Nairobi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.