Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Ingingo ibuza ikoreshwa ry’udusaho twa plastike yatanguye kuja mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Ingingo ibuza ikoreshwa ry’udusaho twa plastike yatanguye kuja mu (...)

Kenya: Ingingo ibuza ikoreshwa ry’udusaho twa plastike yatanguye kuja mu ngiro

lundi 28 Myandagaro 2017

Reta y’igihugu ca Kenya yasiguye ko, guhagarika gukoresha udusaho twa plastike bizofasha mu gukingira ibidukikije mu gihugu, naho nyene ku ruhande rw’amahinguriro akora ayo masaho bavuga ko abantu bashika ibihumbi 80 bazohatakariza akazi.

Iradiyo y’abongereza BBC,imenyesha ko naho hari abasavye ko ingingo ibuza abantu gusubira gukoresha udusaho twa plastike itoja mu ngiro, sentare yavyanse.

Ayo makuru nyene amenyesha ko iyo ngingo isa n’iyiriko irubahirizwa mu mazu manini manini y’ubudandaji ku murwa mukuru Nairobi, kuko hari ayandi masaho bagura kugira bayajanemwo ibidandazwa.

Bivugwa ko abanyagihugu b’igihugu ca Kenya bakresha amasaho ya plastike ashila imiriyoni 24 ku kwezi.Ibihugu nk’Urwanda, Mauritaniya na Eritreya biramaze guhagarika gukoresha udusaho twa plastike.

Bibaye ku ncuro ya gatatu mu myaka 10, aho igihugu ca Kenya kigerageza guhagarika ikoreshwa ry’udusaho dukozwe muri plastike.
.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.