Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Raila Odinga yahakanye ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu
Kenya : Raila Odinga yahakanye ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu
mercredi 1er novembre 2017
Raila Odinga yavuze ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017 asubiwemwo,agatsindwa na Uhuru Kenyatta yahora atwara igihugu ari inkinamico.
Uwo atavuga rumwe na Reta yaneguye umurwi w’igihugu utegura amatora IEBC avuga ko ibiharuro vyashizwe ahabona vy’abitavye amatora atari vyo, yongera anegura Uhuru Kenyatta avuga ko yihaye ubutegetsi.
Ku ruhande rwiwe,Uhuru Kenyatta yavuze ko ibiharuro vy’amajwi yavuye mu matora vyasubiriye kwerekana ico abanyagihugu ba Kenya bipfuza.
Uhuru Kenyatta yatsinze amatora ku majwi 98 kw’ijana, mu gihe Raila Odinga wewe yahamagariye abayoboke biwe kutitaba amatora.
MUGISHA Van Naris