Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Raila Odinga yasavye abayoboke biwe kutaja ku kazi kuri uwu wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Raila Odinga yasavye abayoboke biwe kutaja ku kazi kuri uwu wa (...)

Kenya : Raila Odinga yasavye abayoboke biwe kutaja ku kazi kuri uwu wa mbere

lundi 14 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Raila Odinga mu gushikiriza ijambo abayoboke biwe inyuma y’aho hatangarijwe ivyavuye mu matora yatsinzwe na Uhuru Kenyatta, yamenyesheje ko Reta yari ifise umugambi wo kwica abanywanyi batavuga rumwe nayo imbere y’uko ivyavuye mu matora bitangazwa.

Raila Odinga, umukuru wa NASA akaba ashikirije ivyo inyuma y’umusi umwe hamenyeshejwe ko hari abantu bishwe mu bice vya Nairobi no mu ntara ya Kisumu, inyuma y’aho abanywanyi b’abatavuga rumwe na Reta bakoze imyiyerekano biyamiriza ivyavuye mu matora.

Raila Odinga yaragendeye igice ca Mathare mu bururaruko bw’igisagara ca Nairobi, aho yasanze hari umwana w’umwigeme w’imyaka 9 yapfuye arashwe, mu gihe hari imishamirano hagati y’igiporisi n’abari mu myiyerekano.

Uwahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Koffi Annan, yari yasavye Raila Odinga gukoresha inzira zemewe n’amategeko mu kuharanira agateka kiwe, inyuma y’aho hatangarijwe ko Uhuru Kenyatta ariwe yatahukanye intsinzi. Yamusavye kandi gushira imbere inyungu z’igihugu.

Mwomenya ko inyuma y’amatora ya 2007, abantu barenga igihumbi kimwe bishwe, abarenga ibihumbi 600 barahunga inyuma y’intureka zakwirikiye amatora yo muri uwo mwaka.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.