Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Sentare Nkuru yasavye ko ingingo yo kwugara imboneshakure zitatu (...)
Kenya : Sentare Nkuru yasavye ko ingingo yo kwugara imboneshakure zitatu ihagarara
vendredi 2 février 2018
Izo mboneshakure zari zugawe kuko yari yiteguriye kwerekana ibirori vyo kurahira kwa Raila Odinga , umukuru w’abatavugarumwe na Reta mu gihugu ca Kenya, nk’umukuru w’igihugu.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko umwe mu bajejwe gukingira agateka ka zina muntu ,Okiya Omtata, yatanze ikirego ashaka ko sentare yemeza ko ingingo ya Reta ihonyanga ibwirizwa shingiro, kandi izo mboneshakure zihabwa indishi y’akababaro.
Abayobozi b’izo mboneshakure zugawe, bavuga ko bamaze guhomba amafaranga menshi, aharurwa mu mamiriyoni y’amadorare y’abanyamerika, kuko hari ibikorwa vyo kumenyekanisha vyahagaze kandi arivyo vyahora bibafasha kwinjiza amafaranga.
Ku ruhande rwa Reta ya Kenya, ishaka ko izo mboneshakure zugara gushika mu gihe kitazwi, mu gihe igipolisi kiriko gikora iperereza ku banyaporitike n’abanyamakuru, ku ruhara bagize mu birori vyo kurahira kwa Raila Odinga.
MUGISHA Van Naris
Messages
2 février 2018, 19:31, par Bwegure
Abarundi dukwiye kwigura kuri abo banya Kenya : iyo hari ico udashimye uja muri sentare aho gutera grenades no kuzibira amabarabara.