Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Sentare yumvirije abagirizwa kwiba amafaranga y’igisata (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Sentare yumvirije abagirizwa kwiba amafaranga y’igisata (...)

Kenya : Sentare yumvirije abagirizwa kwiba amafaranga y’igisata c’urwaruka

mardi 29 mai 2018

Abo bantu bari kumwe n’abandi 30 bafatiwe hamwe, barimwo umuyobozi mukuru wa NYS, Richard Ndubai hamwe n’uwugenzura igisata c’ibibazo vy’urwaruka "Youth Affairs."

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abo bantu bakurikiranwa batwawe muri sentare mu miduga umunani, bari kumwe n’abayobozi b’amashirahamwe atandukanye ya terefone ngendanwa akunze kwiba abanyagihugu.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko vyitezwe ko bishura ku vyagiriji bivuga ko batakaje imiriyoni 45.7 z’amadorare y’abanyamerika, ku miliyoni 80 z’amadorare zazimiye muri ico gisata c’urwaruka.

Bubaye ubwa kabiri haba ubusuma bw’amafaranga y’igihugu mu gisata c’urwaruka NYS muri ino myaka itatu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.