Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Umucamanza yafashe ingingo ko amatora asubirwamwo yasabiwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Umucamanza yafashe ingingo ko amatora asubirwamwo yasabiwe (...)

Kenya : Umucamanza yafashe ingingo ko amatora asubirwamwo yasabiwe kwirukanwa

jeudi 14 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushingamateka Ngunjiri Wambugu avuga ko umucamanza mukuru wa Sentare ntahinyuzwa David Maraga ko yitwaye nabi mu kazi ajejwe, akamwagiriza ko yashatse guhirika ubutegetsi yishimikije amategeko, igihe avuga ko amatora yabaye mu gihugu ca Kenya yabayemwo utunenge, asaba ko yosubirwamwo. Umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta niwe yari yatsinze ayo matora.

JPEG - 102.1 ko
David MARAGA, umukuru wa Sentare ntahinyuzwa

Ngunjiri Wambugu yasavye urwego rw’abashingwamanza bo mu gihugu ca Kenya gusuzuma ibikorwa n’imigenzo vy’uwo mukuru wa sentare ntahinyuzwa, yongere yirukanwe muri uwo mwuga.

Mwomenya ko umukuru wa sentare ntahinyuzwa wo mu gihugu ca Kenya David Maraga hamwe na bagenzi we batatu aribo bafashe ingingo ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi guheze kwa Myandagaro muri Kenya, ko asubirwamwo, kuko yaranzwe n’utunenge, nk’uko Sentare ntahinyuzwa yabishikirije. Ayo matora azosubirwamwo mu kwezi kuza kwa Gitugutu 2017.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.