Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Umukozi mukuru mu murwi utegura amatora yatanze imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Umukozi mukuru mu murwi utegura amatora yatanze imihoho

Kenya : Umukozi mukuru mu murwi utegura amatora yatanze imihoho

mercredi 18 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ikete ry’uko atanze imihoho Dr Akombe yarirungitse ari i New York muri Reta zunze ubumwe za Amerika aho yahungiye, avuga ko amatora y’umukuru w’igihugu agiye gusubirwamwo atazoba mu muconk’uko vytezwa, kuko umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora utariko ukorera mu bwigenge. Dr Akombe yamenyesheje ko atipfuza kuba umwe mu bazokoresha ayo matora avuga ko azoba ateye isoni.

Dr Akombe avuga ko yahungiye muri Reta zunze ubumwe za Amerika atinya ko ubuzima bwiwe bwobangamirwa, kuko ku makuru avuga ko afise, umuyobozi mukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora, Wafula Chebukati, acungishijwe ijisho.

Uwo yahora mu bakozi bakuru b’umurwi utegura amatora amenyesha ko imbere y’uko afata ingingo y’uguhunga igihugu, yahora ahamagarwa kuri ngendanwa yiwe n’abantu atazi bamutera ubwoba.

JPEG - 104 ko
Dr Roselyn Akombe, umwe mu bakozi bakuru b’umurwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Kenya (IEBC) yatanze imihoho

Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.