Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya:Umukuru w’igihugu yashize ahabona bamwe mu bazoja muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya:Umukuru w’igihugu yashize ahabona bamwe mu bazoja muri (...)

Kenya:Umukuru w’igihugu yashize ahabona bamwe mu bazoja muri Reta

samedi 6 janvier 2018

Umukuru w’igihugu UHURU Kenyatta yashize ahabona amazina 9,aca amenyesha ko mu minsi iri imbere ariho azoshikiriza urutonde rw’abagize Reta yose.

Abandi mu bagenywe na UHURU Kenyatta n’abayobozi bakuru b’ibisata bikuru vya Reta hamwe ‘abayobozi bakuru b’inzego zijejwe umutekano

Bamwe mu batakaje ibibanza vy’abo ni nk’umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’umushikiranganji ajejwe kwunguruza abantu n’ibintu.

Mwomenya ko umukuru w’igihugu ca Kenya yatsinze amatora yasubiwemwo ku ncuro ya kabiri igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017,inyuma yaho uwo bahiganwa mu matora Raila Odinga yanse ivyavuye mu matora ya mbere, avuga ko yaranzwemwo utunenge twinshi.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.