Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Umwe mu bagize umurwi utegura amatora yatowe yapfuye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Umwe mu bagize umurwi utegura amatora yatowe yapfuye

Kenya: Umwe mu bagize umurwi utegura amatora yatowe yapfuye

mardi 1er Myandagaro 2017

Kuva kuwa gatanu igenekerezo rya 28 Mukakaro 2017, mu muryango wa Chris Msando canke mu murwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Kenya,nta n’umwe yari azi aho ari.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko ikiziga ca Chris Msando catowe kuri uno wa mbere igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017 mu karere ka Kikuyu ku nkengera z’igisagara ca Nairobi, kiri kumwe n’ic’umugore atamenyekanye.

Umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora Chris Msando yavuze ko ata nkeka Chris Msando yishwe, ariko ko ikibazo gikomeye ari ukumenya uwamwishe n’igituma yishwe hasigaye iminsi mike ngo amatora abe.

Amatora y’umukuru w’igihugu mu gihugu ca Kenya ategekanijwe kuba kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.