Accueil > Amakuru > umutekano > Kinama: Umudandaza yibwe ayarenga imiriyoni zibiri ariko arataha
Kinama: Umudandaza yibwe ayarenga imiriyoni zibiri ariko arataha
mardi 30 Rusama 2017
Amakuru ava muri zone ya Kinama, amenyesha ko abasuma bataramenyekana bategereye umugabo asanzwe akora urudandazwa igihe yariko ataha ku muhana iwe, uri muri quartier ya Carama, iri muri zone Kinama nyene.
Ayo makuru nyene avuga ko amafaranga arenga imiriyoni 2 z’amarundi ariyo abo basuma bivye, imbere y’uko batera gerenade kugira abaje gutabara basanzare gutyo babone guhunga ata nkomanzi.
Mu bajejwe umutekano muri zone ya Kinama bamenyesha ko iyo gerenade atawe yahitanye kandi ko ataco yononye.
MUGISHA Van Naris
Messages
30 Rusama 2017, 21:55, par ORIVYE
ahubwo nibagire inguvu mugucunga umutekano kuko uwoyasahuwe naho atapfuye yarababaye.
30 Rusama 2017, 21:56, par ORIVYE
ahubwo nibagire inguvu mugucunga umutekano kuko uwoyasahuwe naho atapfuye yarababaye.
30 Rusama 2017, 21:59, par ORIVYE
ahubwo nibagire inguvu mugucunga umutekano kuko uwoyasahuwe naho atapfuye yarababaye.
1er Ruheshi 2017, 06:15, par Elias Mpozamarira
Ndamuhaye misuhuko uwo mushingantahe yi bwe ayo mahera angana uko!, ariko yarasamaye cane ntamahera ngana uko yokutemberana mumufuko!. Ubuhinga bwanone buriho, umutu ashobora kurenza kwamahera yiwe akashobora kuyatorera ahangeze hose, none vyari vyamugendeye gute!?, yemwe badandaza nimureke gutemberana amahera abanga uko mumufuko, ibihumbi 50,000 nisawa kubitemberana mumufuko ariko ayarenzayo sivyiza.
1er Ruheshi 2017, 15:34, par epimicxi
non ubwo busuma buturuka he nibarab ikibaz gihara bagitorer inyishu abo nabatagir akazi bakor kand nuwob afise icakor ntahozogikorer raba abashoferi ubu baricay kumvo yigitor ah tuvuz abanyong imidug abamotar bos ubu bagiye kwicara muhir non wumva abasuma bazobura gt? numumotare arose agato ngo ntajabuke murivil agize aihend agafatwa batwara moto yagira ngo aje kuyisaba bakamwaka amahera anga nigiciro yaguzwe non wumv ubusuma buzobura gt? emw abaturondeye kare nibabure bamenya ubury batubika nayahand bugiye kwiyongera kuk ikibzo caravyutse!
1er Ruheshi 2017, 20:40, par Peter
Abasuma Nkabo Bakwiye Guphabakavaho.Basubiza Abandi Inyuma.
6 Ruheshi 2017, 20:52, par NDAMUHAWENIMANA Béniella
Ahaaa! Ivy Uburundi Ni Amayobera! Tugir Ubusuma, Ubwicanyi, Ububi Bw’ubwoko Bwose. None Ntihotangwa Itegeko Rihasha Abakora Benubwo Bubisha?
6 Ruheshi 2017, 21:04, par NDAMUHAWENIMANA Béniella
AMAGARA ARUTA AMAJANA, MUGABO BIRABABAJE, HARAKWIYE GUTANGW ITEGEKO RIHANA BENABOBABISHA ! BITE SE?