IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kinama: Umudandaza yibwe ayarenga imiriyoni zibiri ariko arataha

Kinama: Umudandaza yibwe ayarenga imiriyoni zibiri ariko arataha

mardi 30 Rusama 2017

Amakuru ava muri zone ya Kinama, amenyesha ko abasuma bataramenyekana bategereye umugabo asanzwe akora urudandazwa igihe yariko ataha ku muhana iwe, uri muri quartier ya Carama, iri muri zone Kinama nyene.

Ayo makuru nyene avuga ko amafaranga arenga imiriyoni 2 z’amarundi ariyo abo basuma bivye, imbere y’uko batera gerenade kugira abaje gutabara basanzare gutyo babone guhunga ata nkomanzi.

Mu bajejwe umutekano muri zone ya Kinama bamenyesha ko iyo gerenade atawe yahitanye kandi ko ataco yononye.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • ahubwo nibagire inguvu mugucunga umutekano kuko uwoyasahuwe naho atapfuye yarababaye.

  • ahubwo nibagire inguvu mugucunga umutekano kuko uwoyasahuwe naho atapfuye yarababaye.

  • ahubwo nibagire inguvu mugucunga umutekano kuko uwoyasahuwe naho atapfuye yarababaye.

  • Ndamuhaye misuhuko uwo mushingantahe yi bwe ayo mahera angana uko!, ariko yarasamaye cane ntamahera ngana uko yokutemberana mumufuko!. Ubuhinga bwanone buriho, umutu ashobora kurenza kwamahera yiwe akashobora kuyatorera ahangeze hose, none vyari vyamugendeye gute!?, yemwe badandaza nimureke gutemberana amahera abanga uko mumufuko, ibihumbi 50,000 nisawa kubitemberana mumufuko ariko ayarenzayo sivyiza.

  • non ubwo busuma buturuka he nibarab ikibaz gihara bagitorer inyishu abo nabatagir akazi bakor kand nuwob afise icakor ntahozogikorer raba abashoferi ubu baricay kumvo yigitor ah tuvuz abanyong imidug abamotar bos ubu bagiye kwicara muhir non wumva abasuma bazobura gt? numumotare arose agato ngo ntajabuke murivil agize aihend agafatwa batwara moto yagira ngo aje kuyisaba bakamwaka amahera anga nigiciro yaguzwe non wumv ubusuma buzobura gt? emw abaturondeye kare nibabure bamenya ubury batubika nayahand bugiye kwiyongera kuk ikibzo caravyutse!

  • Abasuma Nkabo Bakwiye Guphabakavaho.Basubiza Abandi Inyuma.

  • Ahaaa! Ivy Uburundi Ni Amayobera! Tugir Ubusuma, Ubwicanyi, Ububi Bw’ubwoko Bwose. None Ntihotangwa Itegeko Rihasha Abakora Benubwo Bubisha?

  • AMAGARA ARUTA AMAJANA, MUGABO BIRABABAJE, HARAKWIYE GUTANGW ITEGEKO RIHANA BENABOBABISHA ! BITE SE?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.