Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kinshasa : Abantu cumi n’indwi biciwe mu myiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kinshasa : Abantu cumi n’indwi biciwe mu myiyerekano

Kinshasa : Abantu cumi n’indwi biciwe mu myiyerekano

mardi 20 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu baharurwa muri 17 nibo biciwe mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ubutegetsi bwa Joseph Kabila, umukuru w’igihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Abari muri iyo myiyerekano bugaye amabarabara bongera baturira imiduga, i Kinshasa ku murwa mukuru w’ico gihugu.

Iyo myiyerekano yabaye mu gihe abaporisi bari baheruka kugabisha abari bavuze ko bariko barayitegura, babima uruhusha. Ku ruhande rwabo, bamenyesheje ko bafise uburenganzira bw’ukugira imyiyerekano isaba umukuru w’igihugu Joseph Kabila ko kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2016 yoba yavuye ku butegetsi, kuri iryo genekerezo akaba ariho ibiringo arekurirwa n’ibwirizwa shingiro bizoba biheze.

Muri abo bantu 17 bapfiriye muri iyo myiyerekano yabaye kuri uwu wa mbere, harimwo abaporisi batatu, umwe muri abo baporisi bapfuye akaba yaturiwe n’abari mu myiyerekano.

Abatavuga rumwe na Reta ya Joseph Kabila bafise amakenga ko uwo mukuru w’igihugu ashaka gutevya amatora ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe. Abayobozi b’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora bamenyesha ko ayo matora ashobora kutaba muri ukwo kwezi kwa 11, kubera ibibazo vy’ukuyategura neza.


IGIHE

Messages

  • Je nobwira aba Congomani nti, "Ni mubandanye, mwicane, musambure ibishoka vyose", ejo haza muzokwicuza ico mwabigiriye kuko umunygihugu muto niwe bizogarukako nayo bene kubatuma n’abakokeza biraramiye. Nakare ngo "Uwutema urwiwe bamutiza umuhoro" canke ngo, "Kwisamburirako nk’impene."

  • Burya Nta Nyigisho Bakuye Ku Burundi? Kabira Niyegere Mugenziw W Uburundi Amubwire Ibanga

  • Aha niho nkundira u Rwanda,ingaruka z’Ubuyobozi bwabiyita Inyeshyamba batarizo,like Kabila and Nkurunziza, Abacongolais n’Abarundi bose kimwe

  • Mu Rwanda canke mu Buganda ko abanyagihugu batekereje,erega bihereza amabarabara aruko bashishwe,bashegeshwe n’intwaro ataco zibamariye ziziziwe n’ubwicanyi,amacakubiri hamwe n’ubusuma

  • uti abaze nkurunziza ibanga ? rimezegute ? ko mbona nawene bitariko bimworohera amubwira ibanga irihe? ko muvuga mwibanda kubari ko bigara gamvya ntimuvuge kubarenga kuma tegeko! jewe muurabo ntanumwe nshigikiye amategegeko niyubahirizwe hama uwuzoza arenga niwe azoba azoba ashaka gusambura igihugu

  • @ Strong
    Erega urabarenganya nta muco wo gukunda ibihugu byabo bagira, noneho ukongeraho ho nta nuwo bafite ( ndavuga ubayobora) ngo abigishe gukunda igihugu. Iyo niyo mpamvu ubona bakora biriya: gusenya, kwica abantu, gutwika imodoka. Buriya ubabajije intego nicyo bashaka kugeraho ntabyo bazi. Wait and see.

  • Strong na nzovu mwaramutseho?mwagerageje kwandika ariko haricyo mwibagiwe,ejobundi hariburundi—uyumusi ni congo RDC kandimpamvu nukutarekura ubutegetsi.none kwababirinyuma baticaye nahiwanyu bikabariko bimeze muzabaha ruswa imezite ngomubamahoro?? Inzu yumubanyi ihiye niyawe ishobora gufatwa, reka dutegereze ubutwari bwu Rwanda ubwaribwo mumisirimbere kuko umwana ataruwawe acukura aguhishitaka.abazungu barashukana !! Nibikibazo ari za manda iwanyu mugombakwiyongera icumuzungu adashaka.nonerero imbwa yahiye kumurizo irvuga itinibwaca turazakubiraba, ahantabunyeshamba bubamo nibihe birindiriye Africa yose hatabayeho kwisubiraho kwabategeka ibihugu vya Africa bakiga ingene bobakure yumuzungu bakabumbwa nabike bafise badatezamaboko ntahotuva ntanaho tujya.Nzovu and strong try it to think about this.

  • @Mbaze Umutima, look impamvu y’ibi byose ubona biri kuba i Burundi no muri DRC ni uko leardershirp iri poor, ikibazo si ukuguma kubutegetsi ikibazo nicyo waba waramariye abanyagihugu,mu Rwanda tuzi aho twavuye ni aho tugeze that’s why our man HE Kagame baba wa taifa buri wese amukeneye milele na milele

  • @ Mbazumutima
    Ntabwo nashoboye kumva icyo ushaka kuvuga, uraca imigani myinshi adafite icyo ivuze. Ibihe turimo ( modern times) ntabwo ibihugu bibaho kimwe, ibiba Burundi na RDC ningaruka zokubura strong and focused leadership nkuko Strong yabivuze. Niba warageze mw’ishuli ukuri urakubona nuko ukwirengagiza. Political crisis iri Burundi na RDC ibyo bihe u Rwanda rwarabirenze ( ushobora kutabyemera ariko nukuri). Ikindi nuko Ibihugu bimwe muri Afrique byahisemo kuba self sustainable reba ( Uganda, Ethiopia, Ghana, Kenya, Ile Maurice, Botswana) ni ibihugu bidatekererezwa n’abazungu. Hari ibintu bitagereranywa kubera impamvu nyinshi. Icyibazo cya mandat kiba i Burundi na DRC nuko abaturage banyu bayoborwa nabi. Reba GDP yu Burundi na RDC ugereranya nibi bihugu naguhaye hejuru, urebe uko abantu banyu babayeho urabona igisubizo. Next try to write with facts naho niho ibyo ushaka kuvuga byakumvikana aho guca imigani.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.