IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Kirundo : Abayoboke batanu ba Agathon RWASA bahagaritswe

Kirundo : Abayoboke batanu ba Agathon RWASA bahagaritswe

mercredi 12 Mukakaro 2017

Abo bahagaritswe ni KARORERO Anatole arongoye urwaruka rw’umugambwe FNL wa Agathon RWASA mu ntara ya Kirundo, NKURIKIYE Salomon arongoye urwaruka muri komine Kirundo, NDUWAYO Ezechiel, NDAYIZEYE Deo ari mu ndongozi z’umugambwe ku rwego rw’intara hamwe na NIYONZIMA Elie arongoye umugambwe muri komine Ntega.

Abicishije mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 11 Mukakaro 2017, Aime MAGERA avugira umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA amenyesha ko uwuserukira umugambwe CNDD-FDD ku mutumba Yaranda mu ntara ya Kirundo, akoranye n’urwaruka rw’imbonerakure afise uruhara mw’ihagarikwa ry’abanywanyi bayoboka umushingamateka RWASA Agathon mu ntara ya Kirundo.

Aime MAGERA agabisha abafise uruhara mw’ihagarikwa ry’abo banywanyi ko bitebe bitebuke, bazobibazwa, abanywanyi b’umugambwe FNL nabo akabasaba kwirinda agasomborotso.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.