Accueil > Amakuru > Ubutungane > Kirundo: Batatu bafatanywe ubutare bwa Cassiterite baciriwe gupfungwa (...)
Kirundo: Batatu bafatanywe ubutare bwa Cassiterite baciriwe gupfungwa imyaka 25
samedi 11 Ruhuhuma 2017
Sentare Nkuru y’intara ya Kirundo yaciriye abagabo batatu bafashwe bafise ibiro 33,5 vy’ubutare bwa Cassitérite ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu c’Urwanda,gupfungwa imyaka 25 no gutanga ihadabu ry’imiriyoni 20 z’amafaranga y’amarundi.
Abo bagabo batatu ni BARUTWANAYO Issa, MAPALA Anaxi na MAPALA Anaxi, bafashwe n’igipolisi kuwa kane igenekerezo rya 9 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 ,i Gisenyi , mu ntara ya Kirundo,ku rubibe rw’Uburundi n’Urwanda.
Mu rubanza rw’ikibiriraho,icariho c’umushikirizamanza mukuru wa Republika mu ntara ya Kirundo,yabagirije kunyuruza amatungo ya Reta hamwe no guhungabanya umutekano w’igihugu bari kumwe n’abanyamahanga.
Abajejwe intwaro mu ntara ya Kirundo aragabisha abo bose bimba ubutare ata ruhusha bafise,babamenyesha ko bazohanwa hisunzwe amategeko agenga gucukura ubutare.
IGIHE
Messages
14 Ruhuhuma 2017, 01:44, par Nowera Nimbona
Ahubwo ntimukomeye! umuntu ariko ararondera icogutungumuryango harikosa abakoze ubwobutare babwivye kwisi y ’Imana yarenye simwe mwayirenye mwavutse muyisanga ngaho, muzopfa muyisiga ngaho. Mwebwe komwirirwa muriba mwica mumaze gucirirwa izahe?,vyukuri musigaye murumuti wamenyo!. abobantu nukwezi kwonyene ntakwo bari bakwiye gufurwa.
16 Ruhuhuma 2017, 18:48, par Darius Ndayizigiye
None Harumuntu Yimba Ubutare Adafise Impapuro Zigenga Ikirobwe Muyinga Nkishirahamwo Kazoza Keza Abo Nugufatigwa Ingigo