Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Gerenade yatewe yononye imodoka n’inzu y’ubudandarizo
Kirundo : Gerenade yatewe yononye imodoka n’inzu y’ubudandarizo
vendredi 23 février 2018
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko iyo gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zine n’iminota 50 z’ijoro, mu rugo rw’uwo mugabo w’imyaka 71 y’amavuka.
Pierre NKURIKIYE yemeza ko ata muntu yahasize ubuzima canke ngo akomereke, nayo uwagirizwa gutera iyo gerenade MUBUMBE Justin yirukanywe mu gisirikare, akaba yahagaritswe kugira akorerwe dosiye.
MUGISHA Van Naris